IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Idominika ya 17 yo mu mwaka B

Idominika ya 17 yo mu mwaka B

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri c’Abami (4, 42-44)

Elize agwiza imikate

Muri irya misi,
Haza umuntu umwe agemurira wa muntu w’Imana yitwa Elize, amugemurira imikate mirongo ibiri n’isaho yuzuye imishi igiheza kugenywa. Maze, Elize aravuga ati: «Nimubihe abo bantu bose babifungure.» Maze, umusuku wiwe aramwishura ati: «None utu noduhereza abantu ijana?» Na we ati: «Pfa kubaha, babifungure, kuko ari ko Umukama agize, ati: “Barafungura banabisigaze”.» Ni uko, abitereka imbere yabo, barafungura barabisigaza, nk’uko Umukama yabivuze.

IZABURI 144 (145) 10-11, 15-16, 17-18

Icit.: Uragaranzura ibiganza, Mukama,
         tugahaga twese.

Ivyo waremye, Mukama, nibigushemeze,
abakunzi bawe nibaguhezagire!
Nibayage ubuninahazwa bw’ubwami bwawe,
nibigane hose ubutwari bwawe!

Bose bakweza amaso, barakwizigira,
kandi ukabafungurira aho basonzeye hose:
uragaranzura ibiganza,
ukamara inzara ibiri n’ubuzima vyose.

Umukama aratunganye mu vyiyumviro vyiwe vyose,
ni urukundo mu bikorwa vyiwe vyose;
ntiyikumira abamwitura,
yama hafi y’abamusaba mu kuri.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyefezi (4, 1-6)

Umukama umwe, ukwemera kumwe, Ibatisimu imwe

Ncuti zanje,
Jewe imbohe ku bw’Umukama, ndabasavye mugendere ibanga mwatorewe: icishe bugufi, itonde muri vyose, mwiyumanganye, muze murarekuriranira bivuye ku rukundo, mushishikare kuzigama ubumwe bw’umutima mubwungisha amahoro. Nk’uko mwatowe ngo mutorane ukwizera kumwe, ni ko hari Umubiri umwe na Mutima umwe. Umukama ni umwe, ukwemera ni kumwe, Ibatisimu ni imwe, Imana ni imwe, ari yo Muvyeyi wa bose, asumba bose, agenza bose kandi ari muri bose.

INKURU NZIZA

Aleluya, Aleluya,

Umuhanuzi mukuru yaserutse iwacu,
Imana yaramukije igihugu cayo.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 1-15)

Umushaha wa Yezu

Umusi umwe,
Yezu yijabukiye hakurya y’ikiyaga c’i Bugalile arico ca Tiberiyadi. Ishengero akabi riramukurikira, kuko ribonye ibimenyetso akorera abarwaye. Yezu aduga ku gasozi yicaranaho n’abigishwa biwe. Pasika, umunsi mukuru w’Abayuda, yari yegereje. Yezu rero ngo araramure amaso, abona isinzi ry’abantu riza rimugana. Abwira Filipo ati: «Mbe ubona twogurira hehe imikate y’ukubagaburira?» Yavuze gutyo ngo amugeze, kuko yari azi neza ico aza gukora. Filipo amusubiza ati: «N’imikate y’amadenariyo amajana abiri ntiyokwira kugira ngo umwe umwe aronke n’akamanyu na gatoyi.» Umwe mu bigishwa biwe, Andreya, mwenewabo na Simoni Petero, amubwira ati: «Hano hari umuhungu afise imikate itanu n’ifi zibiri; ariko utwo twomarira iki ishengero ringana gutyo?» Yezu rero agira ati: «Babwire bicare.» Na ho hakaba hari ubwatsi bwinshi. Baragandagaza bari nk’abagabo ibihumbi bitanu. Yezu rero yakira ya mikate, arakenguruka, araheza ayigaburira nya batitu yongera agabura na za fi nyene bose bageza aho bashaKa. Bamaze guhaga, abwira abigishwa biwe ati: «Nimwegeranye ibimanyu bisigaye, ntihagire ibipfa ubusa.» Na bo baregeranya ivyasigaye kuri ya mikate itanu y’ingano barya, buzuza ibiseke cumi na bibiri.
Abantu ngo babone ico kimenyetso Yezu agize, bavuga bati: «Ni ukuri, atari wa muhanuzi bavuga ko azoseruka kw’isi!» Yezu rero amenye ko bagomba kumwimika, aca yisubirira mu mitumba wenyene.


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :