IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Idominika ya 23 yo mu mwaka B

Idominika ya 23 yo mu mwaka B

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (35, 4-7a)

Ibitangaza vy’urukiza ruva ku Mana

Humuriza abo imitima yatuntuye uti: «Rye umutima amenyo, mureke kugira ubwoba. Ng’uwo Umukama Imana yanyu: igihe co guhorwa kirashitse, Imana yabibutse, ni yo ije kubakiza.»
Amaso y’impumyi azoca akanura, amatwi y’intumva azibuke. Ibimuga bizosimba bugeregere, ururimi rw’ibiragi rutere imvyino z’agahimbare. Mu bihugu bitazi amazi, azokwisuka, imvura izoba nyamwondo mu ntara zagadutse. Umusenyi uturira uzohinduka igitanga, ahagataye hazocika amasôko.

IZABURI 145 (146) 7, 8-9a, 9bc-10

Icit.: Ninahaza Umukama, se mushaha wanje.

Canke:  Aleluya.

Umukama acira urubanza impahazwa,
akagaburira abashonje,
nayo ababoshwe akabakura mu ngoyi.

Ni we ahumura impumyi,
ni we agorora abahetamye,
ni we akunda abantu b’intungane,
ni we ahagarikira ba kavantara.

Ni we arwanira abapfakazi n’impfuvyi,
ariko inzira y’abakora ikibi akayizimiza.
Umukama azohora ku ngoma.
Ni we Mana yawe, Siyoni, mu myaka n’imyaka.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete ry’Umutumwa Yakobo (2, 1-5)

Ba nyaguhirwa ni abashima ubworo

Ncuti zanje,
Mu kwemera Umukama wacu Yezu Kristu Nyenubuninahazwa, ntimuvange agatima ka nkunzi. Mw’ikoraniro ryanyu, nihinjiramwo umuntu yambaye impeta y’inzahabu n’impuzu zisayangana, hakinjiramwo n’umworo acoceye, kumbure muzokwitegereza uwambaye ibisayangana mumubarire muti: «Wewe vyagira ngaha kuri iyi nyegamo», uno mworo na we mumubarire muti: «Nawe guma uhagaze harya», canke muti: «Icara hasi hambavu y’ibirenge vyanje.» Mugize gutyo, ntimwoba musobanuye bamwe mu bandi, ntimwoba mubaye abacamanza bakurikiza ingingo zibangamye? Tege amatwi, benewacu nkunda: none, aboro mu vy’isi si bo Imana yatoreye kuba abatunzi mu kwemera, si bo yagize ba samuragwa bazotorana Ubwami yemereye abayikunda?

INKURU NZIZA

Aleluya, Aleluya.

Yezu yariko arigisha Inkuru nziza y’Ubwami,
kandi agakiza n’ubumuga n’indwara zose z’igihugu.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (7, 31-37)

Arabakiza abatumva bakumva, ibiragi na vyo bikavuga

Umushaha wa Yezu

Umusi umwe,
Yezu yavuye i Tiri aca i Sidoni, amasubiza ku kiyaga c’Ubugalile, aza mu ntara ya Dekapoli. Baraheza bamuzanira umuntu atumva kandi w’ikiragi, bamusaba ngo amwubikeko ibiganza. Yezu rero amukura mw’ishengero aramwihereranya, amushira intoke mu matwi, araheza acira amate ayamukoza ku rurimi; hanyuma arangamira hejuru ariruhutsa, ati: «Efata», ni ukuvuga ngo: «Zibuka». Nya matwi arazibuka, buno nyene rwa rurimi ruragoboroka, wa muntu avuga atobora. Yezu rero arabihanikiriza ngo ntihagire uwo babibwira, ariko uko yabibabuza, ni ko barushirizaho kubikwiza hose. Bari batamariwe, bavuga bati: «Agira neza vyose, abatumva arabakiza bakumva, ibiragi na vyo bikavuga.»

TUZIRIKANE IRI JAMBO RY’IMANA

  • Si vous voulez voir notre commentaire en français, cliquez ici.

Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :