IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Idominika ya 30 yo mu mwaka B

Idominika ya 30 yo mu mwaka B

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (31, 7-9)

Akanyamuneza k’ukurokoka kwa Israyeli

Ng’iri iriyazwe n’Umukama:
Tambe mutārîke, muvugirize impundu Yakobo, mushemeze igihugu gisumba ibindi vyose! Shire ijwi hejuru, mwivuge amazina muti: «Umukama yarokoye igihugu ciwe, ka kasigarira k’Abanyisrayeli!» Ehe ngiye kubagarukana mbakure mu gihugu co mu buraruko, ndabashwabure kuva aho isi igera hose. Ntibazosiga inyuma impumyi n’uwucumbagira, abagore bibungenze n’abavuye mu kiriri; eka, bazogaruka ino ari ishengero rinini. Bari bagiye bararira, noneho nzobagarukana imitima itekanye; nzobereka amasôko, ndabacishe mu nzira igororotse aho batazotsitara. Erega, Israyeli nayibereye umuvyeyi, Efurayimu ni imfura yanje.

IZABURI 125 (126) 1-2ab, 2cd-3, 4-5, 6

Icit.: Ivyo Umukama yatugiriye ni agatangaza,
         natwe turi mu kanyamuneza.

Igihe Umukama yabohora imbohe za Siyoni,
twari tumeze nk’abari mu ndoto;
niho akamwemwe kashaka kutwica,
imvyino zikasana.

Niho abapagani bavuga bati:
«Ivyo Umukama yabagiriye ni agatangaza!»
Ni ko, ivyo Umukama yatugiriye ni akaroruhore,
eka natwe twari mu kanyamuneza.

Bohora se Mukama, imbohe zawe,
uzizane nk’imigende kw’isi ikamutse.
Ababivyi mw’ibiba babiba barira,
mw’igesa bakagesa bishongora.

Bagenda bararira,
bajanye imbuto z’ukubiba;
maze, bagarukanye imikama y’ivyimburo,
bakaza barisiga.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete ryandikiwe Abahebereyi (5, 1-6)

Uzokwama uri Umuherezankuka na ntaryo, nka kumwe kwa Melekisedeki

Umuherezankuka mukuru yama atorwa mu bantu, ibanga ryiwe ni ukubaserukira ku Mana; ategerezwa guhereza amashikanwa n’ingorore kubera ibicumuro vyabo. Arashobora noneho guterwa imbabazi n’abacumura kubera ubwenge buke bwabo canke kuko bazimiye, kuko na we nyene ari ntamagara; ndetse bimutuma ategerezwa kwitangira we nyene inkuka y’ibicumuro vyiwe nk’uko abigirira igihugu. Bisubiye kandi, nta muntu yiha iryo teka, ariko ariterwa n’Imana, nka kumwe kwa Aroni.
Na Kristu ubwiwe si we yihaye iteka ry’ukuba Umuherezankuka mukuru; yarihawe n’Uwamubariye ati: «Uri Umwananje, ni je nakwivyariye uyu musi.» Nk’uko yavuze ahandi ati: «Uzokwama uri Umuherezankuka na ntaryo, nka kumwe kwa Melkisedeki.»

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Umukiza wacu Yezu Kristu yatsinze urupfu,
akaboneshereza ubuzima kubera Inkuru nziza.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (10, 46-52)

Mwigisha, ntabara mbone

Umushaha wa Yezu

Umusi umwe,
Yezu yariko ara va mu gisagara ca Yeriko, we n’abigishwa biwe n’isinzi ry’abantu. Ahwana n’impumvi, mwene Timayo, yari yicaye ku nzira ashera. Yumvise ko ari Yezu w’i Nazareti ahaciye, arasemerera ati: «Yezu, Mwana wa Dawudi, ngirira ikigongwe!» Benshi baramukankamira ngo acereze; na we arushirizaho gusemerera ati: «Mwana wa Dawudi, ngirira ikigongwe!» Yezu rero arahagarara, ati: «Mwakure.» Bākura ya mpumyi bati: «Subiza umutima mu nda! Va hasi: araguhamagaye.» Aterera hasi igikwemu ciwe, asimba rimwe aba ashikiriye Yezu. Yezu aramubaza ati: «Ushaka ko nkugirira iki?» Impumyi iramwishura ati: «Mwigisha, ntabara mbone! Yezu aramwishura ati: «Genda, ukwemera kwawe kuragukijije.» Buno nyene, arakanura, agendanira Yezu.


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :