IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Ku w’7 Gitugutu : Bikira Mariya, Umugabekazi w’Irozari

Ku w’7 Gitugutu : Bikira Mariya, Umugabekazi w’Irozari

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


Uwo kwibuka

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’abatumwa (1, 12-14)

Yezu amaze kwurira mw’ijuru, abatumwa baciye bagaruka i Yeruzalemu bavuye ku Gasozi k’Imizeti kari hafi ya Yeruzalemu. Bashitseyo baca burira mu cumba co hejuru, aho bari basembereye. Hari Petero na Yohani, Yakobo na Andreya, Filipo na Toma, Barutolomeyo na Matayo, Yakobo mwene Alufayo, Simoni umunyabwira na Yuda mwene Yakobo. Bose bari bafise umutima umwe mu gushishikara gusenga, hamwe n’abakenyezi, nka Mariya nyina wa Yezu na benewabo.

URURIRIMBO: Luka 1, 46-47, 48-49, 50-51, 52-53, 54-55

Icit.: Urahiriwe, Bikira Mariya
         kuko Umwana w’Imana yamaho yashimye kwibera muri wewe.

Umutima wanje urahimbaza Umukama,
umushaha wanje wahimbawe n’Imana, Yo Mukiza wanje.

Kuko yibutse umuntu wiwe mutomuto,
kuva ubu abantu bose bazonyita muhirwe.
Nkako Rugira vyose yangiriye ibitangaza,
izina ryiwe ni ryeranda.

Agirira ubuntu abamwubaha bose,
uko imvyaro zikurikirana.
Yerekanye ico ukuboko kwiwe gushobora,
asanzaza bene umutima wishima.

Yarakuye ku ngoma abahambaye,
yimika abicisha bugufi.
Abashonje yarabahagije ivyiza,
abatunzi na bo abarungika zirayoye.

Yarabungabunze Israyeli umusavyi wiwe,
yibuka ubuntu bwiwe
yaraganiye Aburahamu n’uruvyaro rwiwe imyaka yose,
nk’uko yari yaravyemereye ba sokuru bacu.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Nezerwa, Bikira Mariya,
Umukama muri kumwe, warashimwe n’Imana.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (1, 26-38)

Umushaha utatyoye wa Bikira Mariya

Umusi umwe,
Umumarayika Gaburiyeli yatumwe n’Imana mu gisagara c’i Bugalile citwa Nazareti ku mwigeme yari yasabwe n’umuntu yitwa Yozefu, wo mu muryango wa Dawudi, nya mwigeme na we yitwa Mariya.
Nya mumarayika arinjira amubwira ati: «Mwaramutse, wewe wuzuye ubutore, Umukama muri kumwe.» Mariya ngo avyumve, agwa mu gahundwe, yibaza ico iyo ndamutso ivuyeko.
Nya mumarayika yamara aramubwira ati: «Humura, Mariya, warashimwe n’Imana. Uza gusama imbanyi, uze uyivyaremwo umuhungu, uzomwita Yezu. Azoba mukuru kandi azokwitwa Umwana w’Uwo mw’ijuru. Umukama Mana azomuha ingoma ya se wiwe Dawudi; azogaba igihugu ca Yakobo imyaka yose, n’inganji yiwe ntizohera.»
Mariya na we abaza nya mumarayika ati: «Ivyo bizoshoboka bite ko ntari bumenye umugabo?» Umumarayika aramwishura ati: «Mutima Mweranda azokuzako, maze ububasha bw’uwo mw’ijuru bugutwikire. Ni co gituma uwo uzokwibaruka azoba mweranda kandi akitwa Mwene Mana.
Mbere na Elizabeti, incuti yawe, aheruka gusama imbanyi y’umuhungu mu busaza, kandi uku kwezi kugira gatandatu, n’aho bahora bamwita ingumba, kuko atakinanira Imana.»
Mariya ati: «Jewe ndi umusavyi w’Umukama, nibimbere uko ubivuze.» Nya mumarayika aca arigira.


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :