IMANA NI NZIZA

Accueil » 2017 » décembre

Archives Mensuelles: décembre 2017

Umusi mukuru w’Ibatisimu y’Umukama mu mwaka C

Umusi bahimbaza Epifaniya y’Umukama nihaba ari kw’igenekerezo ry’indwi canke iry’umunani Nzero, bagira umusi mukuru w’Ibatisimu y’Umukama ku musi wa mbere ukurikira iyo dominika, kandi, batarasoma Inkuru Nziza, batora igisomwa kimwe gusa muri vya bisomwa vyahagenewe.
Mu mwaka B no mu mwaka C, bashobora gusoma ibindi bisomwa batarasoma Inkuru nziza, nk’uko vyanditswe. Kandi iyo bahejeje guhimbaza uwo musi mukuru, inyuma y’igisabisho co kuja kuryama, igihe ca Noheli kiba kirangiye.
Ng’ibi ibisomwa bashobora gusoma mu mwaka C. Inkuru nziza yo ntihinduka, ni iyo nyene yategekanijwe, mu gihe igisomwa ca mbere n’ica kabiri bashobora gufata bimwe twandika mu mwaka A.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (40, 1-5. 9-11)

Ubuninahazwa bw’Umukama buzokwihonekeza, kandi kandi nta wuzosigara atabubonye

Umushaha wa Yezu

Humurize, humurize igihugu canje. Nimusubirize umutima mu nda Abanyayeruzalemu. Babwire muti: «Igikorwa canyu kirarangiye, igicumuro canyu carishuwe. Umukama yarabahanye akarenga kabiri ku bicumuro vyanyu.» Ijwi risemerera riti: «Nimuharurire Umukama inzira mu gahinga, muharurire Imana yacu inzira igororotse mw’idonzi. Umubande wose ufurirwe, umusozi n’umutumba wose biringanizwe, ahari imanga hose hongere hasaswe, na ho ahaduga nk’uruti rw’icumu haringanizwe. Niho ubuninahazwa bw’Umukama buzokwihonekeza, kandi nta wuzosigara atabubonye, kuko Umukama yarivumereye.»
Wewe uzaniye Siyoni inkuru nziza, duga ku musozi muremure. Wewe uzaniye Yeruzalemu inkuru nziza, semerera n’ijwi rirenga. Tereza akamo ntutinye. Ubwire ibisagara vy’Ubuyuda uti: «Ng’iyi Imana yanyu! Ng’uwo Umukama Imana, azananye ububasha, kandi ukuboko kwiwe kuzomugarurira vyose. Raba, aje yitegekanije ivyo yatsindiye vyose. Na yo impera yiwe yamutanze imbere. Azoragira ubusho bwiwe nk’umwungere, azoterurira imyagazi mu maboko yiwe ayifumbatire ku gikiriza ciwe, intama zonsa na zo azozibungabunga.

IZABURI 103 (104) 1b-2, 3-4, 24-25, 27-28, 29-30

Icit.: Ninahaza Umukama, se mushaha wanje
         kuko ari mukuru cane.

Ninahaza Umukama, se mushaha wanje!
Mukama Mana yanie, uri mukuru cane!
Ubukuru n’ubwiza bibarizwa iwawe,
umuco uwikwiza uk’igikwemu.

Umukama yashinze umurwa wiwe kw’ijuru (y’amazi yo hejuru),
ibicu bikamubera inderuzo
agendera ku mababa y’umuyaga.
Imiyaga ayigira irtumwa ziwe,
amasase y’umuriro akayagira abasuku.

Ivyiza wakoze ni isinzi, Mukama,
kandi wabigiranye ubuhinga,
isi ihinda itunga ryawe.
Raba ikiyaga amahero, ibikoko indiri n’indiri
bikivogeramwo, ibinini n’ibitoyi.

Bose barindiriye
ko wobakora mu minwe igihe kigeze;
urabibaha, bakavyakiriza yompi,
uragaranzura ibiganza, bagahazwa n’ivyiza vyawe.

Winyegeje, igihumura gica kibica,
baca barumara bagasubira mw’ivu.
Ubasubije agatima, ng’abo barakomeye
kandi ugaca uhindura isi.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Tito (2, 11-14; 3, 4-7)

Imana iradukiriza mu mazi yatwuhagiye akabi kose tugasubira kuba bazima muri Mutima Mweranda

Mukunzi wanje, Urukundo Imana yadukunze, sôko ry’ubukiriro bw’abantu bose, rwibonekeje mu bantu. Rutwibutsa guheba akabi kose no guhunga ibihenda amaso vyose, kugira ngo ubuzima bwa hano kw’isi tubukoreshe twigerera, tube intungane twongere tuyoboke Umuremyi. Ivyo vyose tubigire turorereye bwa buhirwe twizigiye na bwa buninahazwa bw’Imana yacu nzima n’ubw’Umukiza wacu Yezu Kristu, We yatwihebeye ngo adukize akabi kose, atyorore igihugu kimwegukiye, cama citwararika ineza.
Umusi Imana Mukiza wacu yerekana impuhwe n’urukundo ifitiye abantu, ntiyiriwe irihweza ibikorwa vy’ubutungane twari twakoze. Imbabazi zayo zonyene ni zo zatumye idukiza mu mazi yatwuhagiye akabi kose kari karatuzingamitse, tugasubira kuba bazima muri Mutima Mweranda. Uwo Mutima Mweranda, yamutuvyagijemwo ku bwa Yezu Kristu Umukiza wacu, kugira ngo, amaze kutugira intungane, tube abaragwa b’ubuzima bwamaho twizigiye.

INKURU NZIZA

Aleluya, Aleluya.

Yohani yavuze ati : «Haje uwundusha ububasha,
ni we azobabatiza muri Mutima Mweranda n’umuriro.»

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (3, 15-16. 21-22)

Yezu amaze kubatizwa igihe yariko arasenga, ijuru ririyugurura

Abantu baje kwa Yohani ngo babatizwe bari biteze ikintu kandi bose bakibwira mu mitima yabo ko kumbure Yohani yoba ari we Kristu. Yohani araheza ababwira bose ati: «Jewe ndababatirisha amazi, ariko hagiye kuza uwundusha ubukuru, mbere sinkwiye n’ugupfundurura imigozi y’inkweto ziwe. We azobabatirisha Mutima Mweranda n’umuriro.»
Ishengero ryose rimaze kubatizwa. Na Yezu nyene amaze kubatizwa, ariko arasenga, ijuru ririyugurura, maze Mutima Mweranda aramwururukirako ameze nk’inuma, ijwi na ryo riva mw’ijuru riti: «Uri Umwana wanje nkunda cane, muri wewe nahasanze ibimpimbara vyose.»

Ku wa 25 Nzero : Uguhinduka kw’Umutumwa Pawulo mweranda

Umusi mukuru

IGISOMWA CA MBERE (canke igikurikira)

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (22, 3-16)

Igihe Abayuda bashaka kumwica, Pawulo arababwira ati: «Jewe ndi Umuyuda, navukiye i Tarsi mu Busilisiya ariko narerewe muri iki gisagara, Gamaliyeli ni we yanyigishije ivy’ugukurikiza Itegeko rya ba sokuru uko ryakabaye, kandi na jewe nari mfise umwete mwinshi mu vy’Imana nk’uko namwe mwese mumeze muri iki gihe. Ni jewe namye mpama abakurikira Inzira ya Yezu, nta bagabo nta bagore, narababoha nkabata mw’ibohero, mbere umuherezankuka mukuru aranshingira intahe, co kimwe n’abagize inama y’abakurambere bose. Maze kuronka amakete bampaye, naciye ngenda i Damasi kuboha benewacu bariyo, ngo ndabazane i Yeruzalemu babahane.
Ngeze mu nzira ndi mu gushika i Damasi nko kw’isaha ya gatandatu, mu kanya umuco uvuye mw’ijuru urampwikira. Ngwa hasi, numva ijwi rimbwira riti: “Sawuli, Sawuli, uriko urampamira iki?” Ndishura nti: “Uri nde ga Muhanyi?” Na ryo rimbwira riti: “Jewe ndi Yezu Umunyanazareti uriko urahama”. Abo twari kumwe na bo nyene barabonye neza nya muco, ariko ntibumvise ijwi ry’uwariko aranganiriza. Ndaheza ndamubaza nti: None ga Mukama ngire iki?” Aranyishura ati: “Va hasi ugende i Damasi, ni ho bazokubwira ivyo utegerezwa gukora vyose”. Kubera ko ntari nkibona bivuye ku mwakaka w’umuco, nashitse i Damasi abo twari kumwe barinze kumfata ukuboko.
Na ho hari umuntu yitwa Hananiya, yayoboka Imana mu gukurikiza Itegeko. Abayuda bose babana na we baramushingira intahe. Araheza araza kundaba, anyegereye arambwira ati: “Sawuli mwenewacu, nukanure”. Ubwo nyene nca ndamubona. Hanyuma ambwira ati: “Imana ya ba sokuru bacu yaragutoye ngo umenye ico ishaka, ubone ya Ntungane wumve n’amajambo yayo. Nkako uzoyibera icabona imbere y’abantu mu vyo wabonye no mu vyo wumvise vyose. None ubu urorereye iki? Va hasi riho uhabwe Ibatisimu, wuhagirwe ibicumuro vyawe mu kwambaza izina ryayo”.»

IKINDI GISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (9, 1-22)

Muri irya misi, Sawuli yahora ahama abigishwa b’Umukama, abipfuriza urupfu, agenda ku muherezankuka mukuru, amwaka amakete ngo ashobore kuja mu masinagoga y’i Damasi kugira ngo niyabona abantu bakurikira Inzira ya Yezu, abagabo canke abagore, abafate abajane i Yeruzalemu baboshwe.
Ageze mu nzira ari mu gushika i Damasi, umuco uvuye mw’ijuru uramuhwikira. Agwa hasi, yumva ijwi rimubwira riti: «Sawuli, Sawuli uriko urampamira iki?» Arishura ati: «Uri nde ga Muhanyi?» Na ryo riti: «Ndi Yezu uriko urahama, ariko va hasi ugende mu gisagara ni ho bazokubwira ico ubwirizwa gukora.» Abantu bari bamuherekeje bari bahagaze bumiwe, kuko bumva ijwi, ariko ata muntu babona. Sawuli ava hasi mugabo n’aho yakanura nta co yabona, bamufata ukuboko bamujana i Damasi. Amaraho gatatu ata co abona, ata co anywa ata co arya.
Ico gihe i Damasi hariho umwigishwa yitwa Hananiya, Umukama aramubonekera amubwira ati: «Hananiya!» Na we yishura ati: «Ndi hano Mukama.» Umukama aramubwira ati: «Va hasi ugende kw’ibarabara ryitwa Irigororotse, urondere mu nzu kwa Yuda umuntu yitwa Sawuli w’i Tarsi ariko arasenga, kandi yabonye mu ndoto umuntu yitwa Hananiya yinjira amugaranzurirako ibiganza ngo abone.» Hananiya arishura ati: «Mukama, numvise bavuga ko uwo muntu yagiriye nabi aberanda bawe i Yeruzalemu, kandi ngaha afise ubukuru yahawe n’abaherezankuka bakuru ngo abohe abambaza izina ryawe bose.» Umukama na we aramubwira ati: «Nugende kuko uwo muntu ari intumwa nitoreye ngo imenyeshe izina ryanje abanyamahanga, abami n’abana b’Israyeli. Kandi nzomwereka amagorwa azobona kubere izina ryanje.» Hananiya aragenda, ashitse mu nzu, agaranzurira ibiganza kuri Sawuli avuga ati: «Sawuli mwenewacu, Umukama, umwe yakubonekera mu nzira aho waza, yandungitse ngo ubone kandi uhabwe Mutima Mweranda.» Ubwo nyene homoroka utuntu ku maso yiwe, aca arabona. Ava hasi, arabatizwa, amaze kurya aca arakomera.
Sawuli amarana imisi n’abigishwa bari i Damasi, adatevye atangura kwigishiriza mu masinagoga ko Yezu ari we Mwana w’Imana. Abamwumva bose baratangara bavuga bati: «Uwo si umwe yahora ahama abambaza iryo zina i Yeruzalemu? Ntiyazanywe ngaha n’ukubaboha ngo abajane imbere y’abaherezankuka bakuru?» Mugabo Sawuli arushirizaho gukomera, agahinyuza Abayuda baba i Damasi abereka ko Yezu ari we Kristu.

IZABURI 116 (117) 1, 2

Icit.: Nimugende mumenyeshe isi yose
         Ivyiza vy’agatangaza Imana yakoze!

Canke: Kwire isi yose,
              mushikirize Inkuru nziza ikiremwa cose!

Ntara zose, nimuninahaze Umukama,
bihugu vyose, nimumushemeze!

Kuko ubuntu bwiwe bwabaye akayazwe mu bantu,
none na ryo iteka ryiwe ryamaho imyaka yose.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Umukama yavuze ati: «Ni je nabatoye mu bantu,
nabashinze kugenda ngo mwame icamwa, kandi icamwa gihoraho.»

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (16, 15-18)

Amaze kuzuka, Yezu yabariye bamwe Icumi n’umwe ati : «Kwire isi yose, mushikirize Inkuru nziza ikiremwa cose. Uwuzokwemera akabatizwa azorokoka, uwutazokwemera azocibwa. Ibimenyetso bizoranga abazoba bemeye ni vyo vy’ibi : kw’izina ryanje, bazokwirukana amashetani, bavuge indimi nshasha, bafate inzoka mu minwe, kandi nibanywa uburozi bwica, nta co buzobagira. Bazogaranzurira ibiganza ku barwaye, na bob ace bakira.»

%d blogueurs aiment cette page :