IMANA NI NZIZA

Accueil » Méditations » Idominika ya 4 yo mu mwaka B : inyigisho

Idominika ya 4 yo mu mwaka B : inyigisho

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IBISOMWA VYATEGEKANIJWE MU GUHEREZA INKUKA Y’IMISA

  • Ukwibutsa Amategeko 18, 15-20
  • Izaburi 94, 1-2. 6-7. 8-9
  • 1 Abanyakorenti 7, 32-35
  • Mariko 1, 21-28

INYIGISHO

Dutumiriwe kwumviriza abahanuzi Imana iturungikira

Umushaha wa Yezu

Bavukanyi muri Kristu,
Turasubiriye gukoranira ngaha ngo tuzirikane Ijambo Imana itubwiye uyu musi. Nitwame tuyikengurukira kuko ituyagira, kandi nitwame tuyikengurukira no ku bindi vyiza vyose yama itugirira kubera urukundo rwayo. Irakaninahazwa ubu no mu myaka yose! Ku musi w’Imana uheze, Imana yadusavye kwisubirako, tugahinduka, tukigenza neza. Uyu musi na ho turumvise ko idusavye kwumviriza abahanuzi iturungikira, ari na kwo kuyumviriza yo nyene. Ego cane turakwiye kwumviriza, kuko ukwimviriza neza Imana ituyagira, ari kimwe mu bimenyetso vy’uguhinduka nyakuri. Erega iyo udashoboye kwumviriza umuntu ariko aravuga, ivyo bisigura ko utaba wamukunze, kuko uwo ukunda, umwumvirizanya akanyamuneza n’umwete mwinshi. No ku Mana ni uko nyene, ni co gituma mpejeje kuvuga ko ukwumviriza Imana ituyagira ari ikimenyetso c’uguhinduka nyakuri.
Mbega Imana tuyumvirize gute? Mu gisomwa ca mbere twumvise ko Musa yabwiye Bene Israyeli ati: «Umukama Imana yawe azokugenera umuhanuzi nkanje, amukuye iwawe, muri benewanyu. Ni we muzokwumviriza.» (Amategeko 18, 15). Musa avuga ivyo, abanje kubabuza ibindi bintu bigirwa mu bindi bihugu: ngo ntihaze haboneke umuntu aturira umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe nk’ishikanwa, apfumura, agendereza, aragura canke aroga, umugunditsi, uwuhanuza imizimu canke rumenyi n’uwuhanuza abapfuye. (Amategeko 18, 10). Kugira ben’ivyo bintu, ni ukutizera Imana kandi ni ukuyibabaza. Ukuvyirinda na kwo, ni ukuyizera, ukemera ko ari yo izi imisi yawe kandi ari yo igenza ubuzima bwawe. Mwumva ga yemwe bitajanye rwose n’ijambo ry’uguhinduka? Dutumiriwe rero kwizera Imana, tukayitura, tugatungwa n’Ijambo ryayo dukura mu bitabu vyeranda, ariko kandi tukaribwirwa n’abo idutumyeko. Abo na bo ni bande?

Umuhanuzi asa na Musa

Twumvise ko Musa yavuze «umuhanuzi ameze nka we.» Ubu rero turabe uwo ari we, ni na ho twoshobora kumenya n’abandi. Nk’uko tubibona dusomye Bibiliya, uwo muhanuzi ameze nk’abandi bahanuzi bose bazogenda barakurikirana muri Israyeli, bakavuga iryo batumwe n’Imana. Mbere Imana iraheza igatanga n’ikimenyetso kuri uwo wese yogira amakenga, yibaza ingene yomenya abavugira Imana n’abatayivugira, iti : «Umuhanuzi niyavuga kw’izina ry’Umukama, maze ico yavuze ntigishike canke ngo kiranguke, rizoba ari ijambo ritavuzwe n’Umukama, uwo muhanuzi azoba yavuze ivyo yiyadukaniye, ntuze umutinye.» (Amategeko 18, 22).
Tutumye muri Bibiliya nyene, ariko tukongera tukaja ahandi, dusanga mu vy’ukuri, uwo muhanuzi ameze nka Musa, mbere anamusumvya, ari Yezu kristu. Ni we dukunze kwita «Musa mushasha». Muti: «kuki?»  Bene Israyeli barigeze kuba biteze umuhanuzi w’agakura, asumba abandi, azogenza igihugu cose nk’uko Musa yabigenjeje. Aho Yohani Batista aziye rero, baca bagira ngo ni we, ariko turazi ko yabibahakaniye, ca gihe bamubaza bati: «Uri wa muhanuzi?» (Yoh. 1, 21). Abo rero n’aho bamwihenzeko, abigishwa ba Yezu, n’Ekleziya nzima, bo barategereye ko uwo muhanuzi agenza bose nk’uko Musa yabigize ari Yezu Kristu. Mu nyuma na ho, yarashizeho n’abandi bahanuzi, aca ababwira ati: «Uwubumviye aba yumviye jewe nyene, uwubankiye aba yankiye jewe nyene, uwunyankiye na we aba yankiye Uwantumye.» (Luka 10, 16). Abo na bo ni bande ga yemwe?

Abahanuzi twamana mu buzima bwacu bwa misi yose

Tubisomye mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka, dusanga igihe Yezu yavuga ati : «Uwubumviye aba yumviye jewe nyene, uwubankiye aba yankiye jewe nyene, uwunyankiye na we aba yankiye Uwantumye», yari ahejeje guha ubutumwa abandi bigishwa 72 (canke 70), atari ba bandi 12 gusa. Yagiriyeko ahambarira ibisagara bitamwakiriye. No mu Nkuru nziza yashikirijwe na Matayo nyene aravuga ibintu bisa n’ivyo. Duca twumva rero ko abahanuzi twamana mu buzima bwacu bwa misi yose, kuko iryo jambo ritari ryerekeye bamwe 12 gusa… Kira noneho! N’igihe twabatizwa, uwatubatije yavuze ko Imana idusize amavuta meranda kugira ngo tube ingingo za Kristu, we yama ari umuherezankuka, umuhanuzi n’umwami. None rero dufatiye kuri ivyo vyose, abahanuzi turamana: aho tuba, kw’ishure, aho dukorera akazi kacu ka misi yose, aho tugendera, aho turi hose. None ubwo turumviriza abo Imana idutumako bose? Ntitubanebagura? Ntitubacamwo imigwi, tukumviriza bamwe dufatiye kuri iki canke kiriya, abandi bavuga tugapfunga amatwi? Aha umwe wese ariha inyishu. Ariko Imana yo idusaba kwumviriza, kandi namaze kuvuga ko kwumviriza ari kimwe mu bimenyetso vy’urukundo. Nitwaba dukunda Imana rero, duhamagariwe kuyumviriza tutabanje kuraba ngo yaciye mu buryo ubu canke buriya, kuri aba canke bariya, ahandi ho tuzosanga turi ababeshi.

Nitwemere kwigishwa na Yezu Kristu, we Mwigisha n’Umukiza wacu

Mu Nkuru nziza twasomye uyu musi, twumvise ko mw’isinagoga «abantu bikugura inyigisho yiwe, kuko yabigisha nk’uwufise ubukuru, atari nk’abanditsi.» (Mariko 1, 22). Aba rero mu kwigisha, bagenda barasubiramwo bongera basigura inyigisho zitari izabo bwite. Mbere n’abandi bahanuzi, bagira nk’uko nyene. Ni co gituma dukunda gusanga batangura bavuga bati : «Ng’uku uko Umukama Imana avuze» (Ezekiyeli 33, 27), bakabona rero kuvuga ibikurikira. Ariko Yezu Kristu we, ariko aravuga ijambo, ararishimangira akerekana ko ari we nyene arivuze, ati : «Jeho rero ndababwiye nti» (Matayo 5, 44), agaca abandanya. Aratwigishanya ubukuru nyene, kuko arabufise, na none asanzwe ari Imana nk’uko we nyene avyivugira, aho yabwira Imana Se wiwe ati: «Amajambo wampaye narayabashikirije, na bo barayakira, baramenya vy’ukuri ko namuka kuri wewe bongera baremera ko ari wewe wantumye» (Yoh. 17, 8), canke ati: «Erega, ivyanje vyose ni ivyawe kandi ivyawe vyose ni ivyanje» (Yoh. 17, 10). Hari uwundi yobwira Imana nk’uko atariko arishima? Kira noneho, mweho ndazi ko mudakekereza ko Yezu Kristu ari Imana, no mu kanya kaza ndazi ko duhava tuvuga ko tuvyemera. Hanyuma twumvise ko ahejeje kwigisha, yagiriyeko akiza umuntu.
None rero bavukanyi, nimuze dukurikire Umwigisha n’Umukiza wacu. Azotwigisha yongere adukize ivyo vyose biduhagarika umutima, aduhe ubuzima bwiwe. Turi kumwe na We, tuzokwigisha abantu twongere tubakize; n’amashetani azohunga. Muhava mumbwira muti: «Erega twebwe ntituri abakangashetani.» Ariko muri bo koko! Mushaka ndabereke ko muri bo? Erega ukwirukana shetani si ugututumura vyonyene. Imisi yose murasenga: none musengeye umuntu yigenza nabi hanyuma umuco w’Imana ukamumurikira agahinduka, ntimuba mwirukanye shetani? Mutumbereye umuntu yihebuye, mukamuremesha mwisunga Ijambo ry’Imana, akagarukana ukwizera, agashobora n’ukwitura Imana aho kuguma ayidogera yongera ayituka, ntimuba mwirukanye shetani? Mukoze ibikorwa vy’urukundo, hanyuma abantu bakabarabirako, na bo bakiga gukunda, ntimuba mwirukanye shetani? Musengeye canke mukumvikanisha abacanyemwo, ntimuba mwirukanye shetani? Mbere noshobora kugwiza uturorero.
None rero bavukanyi, nitube «abakangashetani» hamwe n’abakangashetani nyene, turi kumwe na Yezu; nitube abigishwa n’abigisha turi kumwe na Yezu, tube abakizwa n’abakiza turi kumwe na Yezu. Nidusabiranire imisi yose.

Ndabipfurije Umusi w’Imana mwiza!


Un commentaire

  1. […] Idominika ya 4 yo mu mwaka B : inyigisho […]

    J'aime

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :