IMANA NI NZIZA

Accueil » 2018 » avril

Archives Mensuelles: avril 2018

Idominika ya 3 yo mu mwaka C

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca Nehemiya (8, 2-4a.5-6.8-10)

Ishengero ry’Imana ritegera ijambo ryiwe

Umusi umwe, umuherezankuka Esidarasi yazanye igitabu c’amabwirizwa imbere y’ishengero, ryarimwo abagabo, abagore n’abana bari bamaze guca ubwenge. Hari ku mubarwa wa mbere w’ukwezi kw’indwi. Esidarasi aja ku nama, asomera ca gitabu imbere y’urugi rw’amazi, kuva bugica gushika ku mashōka, imbere y’abagabo, abagore n’abana bamaze guca ubwenge bose ; abantu bose baramutega amatwi, barumviriza ivyo asoma muri ca gitabu c’amabwirizwa. Umwanditsi Esidarasi yari ahagaze ahakirurutse hateguriwe urwo rubanza. Araheza arugurura igitabu bose babona, kuko yari ahantu hakirurutse.
Ahejeje kucugurura, abantu bose barahaguruka. Esidarasi aca arahezagira Umukama, Imana nkuru, abantu bose bashira amaboko hejuru bishura bati : « Amen ! Amen ! » Hanyuma baca barunama bakubita ibipfukamiro hasi basenga Umukama. Esidarasi arasoma igitabu c’amabwirizwa y’Imana, Abalevi bakayabasigurira ; abantu na bo baca barategera ivyo basomye.
Umutware Nehemiya, na Esidarasi umwanditsi akongera akaba umuherezankuka, hamwe n’Abalevi bashinzwe kwigisha abantu, babwira igihugu cose bati : « Uyu musi wagenewe Umukama Imana yanyu ; nezerwe, mwoye kurira ! » Ugasangwa igihugu cose cariko kirakorora amosozi aho cumviye amajambo yari muri ico gitabu. Esidarasi yongera kubabwira ati : « Gende murye inyama zinuze, munywe n’inzoga zisosa, mwibuke n’abatavyiteguriye, kuko uyu musi wagenewe Umukama wacu, kuko akanyamuneza k’Umukama ari ko nkinzo yanyu ! »

IZABURI 18 (19) 8, 9, 10, 15

Icit. : Amajambo yawe, Mukama,
          ni yo Mutima n’ubuzima.

Amategeko y’Umukama aratunganye,
ahembura umutima ;
amabwirizwa y’Umukama ni ay’ukuri,
ni yo bwenge bw’abantu batobato.

Amategeko y’Umukama aragororotse,
ni akezamutima ;
amabwirizwa y’Umukama arasobanutse,
ni yo muco w’umutima.

Ukwubaha Umukama ni akaroruhore,
ntikuzokwigera guhera n’intete ;
Umukama ashinga intahe y’ukuri,
intahe yāmá itunganye.

Amajambo yanje ava mu kanwa
be n’ivyiyumviro biva mu mutima wanje,
nibigushike ku nyota, Mukama,
Wewe nkinzo yanje kandi Mukiza wanje.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (12, 12-30)

Igisomwa kigufi : 12, 12-14.27

N’aho ingingo ari nyinshi, zigize umubiri umwe wa Kristu

Ncuti zanje,
Nk’uko umubiri ari umwe, ukagira ingingo nyinshi, na zo izo ngingo zose zikagira umubiri umwe, n’aho ari nyinshi, ni ko Kristu ameze na we. None natwe, muri Mutima umwe, ni ho twabatirijwe twese ngo tube umubiri umwe, baba Abayuda canke Abagereki, abashumba canke abidegemvya ; bisubiye, twese twagabanye Mutima umwe. – Kuko, umubiri ntugirwa n’ingingo imwe, ugirwa n’ingingo nyinshi. –

Igisomwa kigufi kiba kirageze aha

N’aho ikirenge covuga kiti : « Ko ntari ikiganza, sindi ku mubiri. », si ico cotuma kitaba ku mubiri. Ugutwi na kwo, n’aho kwovuga kuti : « Ko ntari ijisho, sindi ku mubiri. », nticotuma kutaba ku mubiri. Iyo umubiri wose uba wari ijisho, ugutwi kwobaye hehe ? Iyo vyose biba vyari ugutwi, izuru ryo ryobaye hehe ? Eka noneho, Imana yashinze ingingo imwe imwe mu mubiri, nk’uko yabishatse. Iyo zose ziba zamara kimwe, umubiri wobaye hehe ? Noneho, ingingo ni nyinshi, ariko umubiri ukaba umwe. Ijisho ntiryoshobora kubarira ikiganza ngo : « Nta co umariye. », canke umutwe ntiwoshobora kubarira ikirenge ngo : « Nta co umariye. » Nkanswe rero, za ngingo z’umubiri twiyumvira ko zirusha izindi intege nke, ni zo mbere nkenerwa kuruta. Kandi za ngingo twiyumvira ko zidafise icubahiro nk’izindi, ni zo mbere duha icubahiro kuruta izindi. Kandi za ngingo twiyumvira ko zirusha izindi gutera isoni, ni zo mbere tugirira ubupfasoni kuruta izindi ; na zo ingingo z’impfasoni nta co zikeneye. Ariko Imana yaringanije umubiri, ingingo ibuze iteka yarushirijeho kuriyitera, kugira ngo ntihabe mu mubiri ingingo zitana n’izindi, ariko ingingo zose zigiriranire umwitwarariko umwe. Iyo ingingo imwe ibabaye, ingingo zose zibabarira hamwe ; cabure, iyo ingingo imwe itewe iteka, ingingo zose zihimbarirwa hamwe.

Igisomwa kigufi kibandaniriza ngaha

None namwe muri umubiri wa Kristu, mukaba ingingo ziwe, umwe wese mu ruhara rwiwe.

Igisomwa kigufi giherera aha

Bisubiye, bamwebamwe Imana yabashinze muri Ekleziya kuba ubwa mbere abatumwa, ubwa kabiri abahanuzi, ubwa gatatu abigisha, hanyuma hakaba ibitangaro, ingabirano y’ugukiza n’iy’ugutabara abandi, iy’ugutegeka n’iy’ukuvuga mu ndimi. Ariko, bose si abatumwa, bose si abahanuzi, bose si abigisha, bose ntibakora ibitangaro, bose ntibafise ingabirano y’ugukiza, bose ntibavuga mu ndimi, bose ntibazi kuzisigura.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Umukama yandungitse ngo mburire Inkuru nziza aboro,
andungika gukwiza mu baboshwe ubukiriro.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (1, 1-4 ; 4, 14-21)

Uyu musi, ivyanditswe vyarangutse

Umushaha wa Yezu

Nk’uko benshi bagerageje kuyaga uruhererkane rw’ivyagizwe muri twebwe, kumwe nyene twabishikirijwe n’ababibonye bigitangura kandi babaye intumwa z’ukuvyigisha, ni ko nanje navyitondeye kuva kera nkabitohoza vyose. None nsanze vyiza ari ukubikwandikira ido n’ido, Tehofilo ntore nkunda, ngo umenye ukuri kw’inyigisho waronse.
Aho rero Yezu asubiriye mu Bugalile, afise ububasha bwa Mutima, yaciye amenyekana muri iyo ntara yose. Kandi yarigishije mu masinagoga yose, aninahazwa na bose. Araheza aza i Nazareti, aho yari yararerewe ; arinjira mw’isinagoga, nk’uko yahora abigenza ku misi y’isabato ; arahaguruka ngo asome. Bamuhereza igitabu c’Umuhanuzi Izaya ; azingurura ahanditswe ngo :

« Umutima w’Umukama uri kuri jewe,
kuko yansize amavuta
ngo mburire Inkuru nziza aboro.
Yandungitse kumenyesha ababoshwe ko babohowe,
abahumye ko bahumutse,
kurokora abababaye n’ukumenyesha umwaka mwiza w’Umukiza. »

Ahejeje arazinga igitabu, agihereza uwahakora, acabaricara. Abari mw’isinagoga bose bari bamuhanze amaso. Aca atangura kubabarira ati : « Uyu musi, ivyanditswe vyarangutse imbere yanyu. »

Idominika ya 2 yo mu mwaka C

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (62, 1-5)

Urukundo rw’Imana ku gihugu ciwe

Sinzoreka guhayagiza Siyoni,
sinzohengeshanya gushimagiza Yeruzalemu,
gushika ubutungane bwabo butamanzure nk’umutwenzi,
urukiza rwaho ruce ibibatsi nk’urumuri.
Intara zizoheza zibone ubutungane bwawe,
abami bose babone ubuninahazwa bwawe.
Bazogutazira izina rishasha
rivuye mu kanwa k’Umukama.
Mu minwe y’Umukama uzoba urugori rukayangana,
mu kiganza c’lmana uzoca ibibatsi nk’urugori rw’abami.
Ntibazoba bakikwita « Intabwa »,
intara yawe ntizoba icitwa « Akarere »,
bazoguhamagara riho « Kinezero canje »,
intara yawe bayite « Inkundwakazi »
kuko uhimbara Umukama,
intara yawe kandi izoronka umunega.
Nk’uko umusore yabîra umwigeme,
ni ko umuremyi wawe azokwǎbīra ;
nka kurya umukenyezi anezera umugabo wiwe,
ni ko nawe uzonezera Imana.

IZABURI 95 (96) 1-2a, 2b-3, 7-8a, 9a.10ac

Icit. : Nimugende mumenyeshe isi yose
          ivyiza vy’agatangaza Imana yakoze !

Vyinira Umukama akavyino gashasha,
nawe si iyo uva ukagera, vyinira Umukama,
vyinira Umukama, izina ryiwe rihezagirwe.

Uko bukeye uko bwije, nimumenyeshe urukiza rwiwe,
mwiganire abapagani ko ari we aninahaye,
mumenyeshe ibihugu vyose ivyiza vy’agatangaza yakoze.

Hereze Umukama, mwa miryango y’intara,
hereze Umukama ikaze n’iteka,
hereze Umukama ikaze rikwiye izina ryiwe.

Senga Umukama arangwa n’ubweranda :
nawe, wa si, hinda agashitsi mu nyonga ziwe,
cire agace abapagani muti : « Umukama ari ku ngoma ! »
ni we aca urubanza akurikije ubutungane.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (12, 4-11)

Mutima ni we agaba ingabirano ziwe

Ncuti zanje,
Hariho ubwoko bwinshi bw’ingabirano, mugabo Mutima akaba umwe ; hariho ubwoko bwinshi bw’imyuga, mugabo Umukama akaba umwe ; hariho ubwoko bwinshi bw’ibikorwa, mugabo Imana Yo itunganya vyose muri bose ni imwe nsa. Umwe wese ahabwa na Mutima ingabirano, kugira ngo igirire akamaro bose. Umwe ahabwa na Mutima ingabirano y’ukwigisha ubwitonzi bw’Imana, uwundi iy’ukwigisha ubumenyi bw’Imana ku bw’uyo Mutima nyene, uwundi ingabirano y’ukwemera muri uyo Mutima nyene, uwundi iy’ugukiza muri uyo Mutima nyene, uwundi iy’ugukora ibitangaro, uwundi iy’uguhanura kw’izina ry’Imana uwundi iy’ugutahuza ibivuye kuri Mutima, uwundi iy’ukuvuga indimi, uwundi iy’ukuzisobanura. Ariko, ivyo vyose bigirwa na Mutima umwe rudende agabira umwe wese nk’uko abishaka.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Imana yaduhamagaye kubera inkuru nziza, kugira ngo tubashe gushikira
ubuninahazwa bw’Umukama wacu Yezu Kristu.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (2, 1-11)

Ikimenyetso ca mbere ca Yezu i Kana

Umushaha wa Yezu

Umusi umwe, habaye ubugeni i Kana mu Bugalile na we nyina wa Yezu ni ho yari ari. Yezu na we nyene yari yatumiwe muri ubwo bugeni, hamwe n’abigishwa biwe. Umuvinyu ngo uze guhera, nyina wa Yezu aramubarira ati : « Erega, nta muvinyu bagifise. » Yezu na we amwishura ati : « Mbega Mupfasoni, twe nawe tubisinzikayeko iki ? Igihe canje ntikiragera. » Araheza nyina wiwe abwira abasuku ati : « Ico aza kubabwira cose, muragikora. »
Hakaba hari haterekanze intango zitandatu zabajwe mu mabuye Abayuda biyuhagiriramwo : imw’imwe yuzuzwa n’impange zibiri canke zitatu. Yezu abarira ba basuku ati : « Nimwuzuze amazi izo ntango. » Barazuzuza no hejuru. Araheza Yezu ababarira ati « Nimudahe rero mushire umuteretsi. » Baramushira. Nya muteretsi ngo yumvirize nya mazi yahindutse umuvinyu, ahamagara nyenukurongora kuko atari azi iyo nya muvinyu uvuye, — vyari bizwi na nya basuku bene kuvoma, —  aramubarira ati : « Abandi bahora babanza gutereka umuvinyu uryoshe, bamara guhimba bakawuhiriza uwutanganya n’uwa mbere kuryoha, yamara weho wabanje kwirengagiza uwuryoshe, none uwuzanye ubu. »
Ico ni co kimenyetso Yezu yatanguriyeko, agikorera i Kana mu Bugalile. Ukwo ni ko Yezu yerekanye ubuninahazwa bwiwe, abigishwa biwe baca baramwemera.

%d blogueurs aiment cette page :