IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Idominika ya 4 ya Pasika mu mwaka C

Idominika ya 4 ya Pasika mu mwaka C

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations :

Tél: +39.3774566710 ou +25779878480
e-mail: yohani.karabudiyo@gmail.com


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa  (13, 14. 43-52)

Umusi umwe,
Pawulo na Baranaba barashitse i Antiyokiya ya Pisidiya ku musi w’isabato, baragenda mw’isinagoga. Bavuye mw’ikoraniro, benshi mu Bayuda no mu banyamahanga binjiye mw’idini ryabo bakurikira Pawulo na Baranaba; baraganira na bo, babahanura kuzigama ingabirano y’Imana. Kw’isabato ikurikira, igisagara nka cose kirakorana ngo cumve ijambo ry’Imana. Abayuda ngo babone ico gihugu cose, bavyura ishari, bahinyuza Pawulo mu vyo yavuga vyose, bamutuka. Pawulo na Baranaba barashira amakenga, bababwira bati: «Ni mwebwe mwategerezwa kubwirwa ubwa mbere ijambo ry’Umukama; none ko muryanse, mukaba ari mwebwe nyene mwikengereye, mubona mudakwiye ubuzima budahera, hinge twigire mu banyamahanga. Kuko ari ko Umukama yadutegetse ngo: Nagutoye ngo ube umuco w’amahanga, ngo ujane ubukiriro hose gushika ku mpera y’isi.» Abanyamahanga bumvise ayo majambo baranezerwa, baninahaza ijambo ry’Umukama; n’abo bose bari bagenewe ubuhirwe budahera baca baremera. Na ryo ijambo ry’Umukama rikwira igihugu cose. Ariko, abagore b’icubahiro bakunda Imana, n’abakuru b’igisagara, bohejwe n’Abayuda, bagirira nabi Pawulo na Baranaba, barabirukana babakura mu ntara yabo. Pawulo na Baranaba na bo babakunkumurirako inkungugu yari ku birenge vyabo, bigira muri Ikoniya. Abigishwa na bo bari buzuye akanyamuneza na Mutima Mweranda.

IZABURI 99 (100) 2, 3, 5

Icit: Turi mu ntara Umukama ayobora we nyene ubwiwe.

Canke:  Aleluya.

Yemwe abari kw’isi yose, nimuvugirize Umukama impundu,
nimukorere Umukama n’akanyamuneza,
muze mu nyonga ziwe muririmbe.

Mumenye yuko Umukama ari we Mana:
ni we yaturemye natwe turi abiwe,
turi ingabo ziwe, turi intama zo mu busho bwiwe.

Erega, Umukama ni mwiza,
urukundo rwiwe rwamaho,
arakwiye kwemerwa mu myaka n’imyaka.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Yohani (7, 9. 14b-17)

Yezu Mwungere mwiza

Jewe Yohani, mbona isinzi ry’abantu batagira igitigiri bava mu mashinga yose, mu bwoko bwose, mu ntara zose, bavuga indimi zose, bahagaze imbere y’intebe y’Ubwami n’imbere y’Umwagazi, bambaye amakanzu yera, bafise n’ibisanda mu minwe.
Umwe wo mu Batama ambwira ati: «Abo ni abarokotse ya makuba, bamesuye amakanzu yabo, bayeresha amaraso ya wa Mwagazi. Ni co gituma bahagaze imbere y’intebe y’Imana, bakayikorera ijoro n’umutaga mu ngoro yayo; na we Uwuvyagiye ku ntebe azosanza ihema ryiwe hejuru yabo. Ntibazoba bagisonza, ntibazoba bakinyoterwa, ntaho izuba rizoba rikibarabika canke intuguta yose iyo iva ikagera, kuko wa Mwagazi ubavyagiyemwo hagati ku ntebe uzobaragira kandi uzobashora ku mazi y’ubuzima. Imana na yo izohanagura amosozi yose mu maso yabo.»

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya

Jewe ndi wa mwungere mwiza;
ndazi intama zanje, na zo zikamenya.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (10, 27-30)

Umusi umwe, Yezu yabariye Abayuda ati: « Intama zanje zirumviriza ijwi ryanje, kandi ndazizi vyongeye zirankurikira. Ndaziha ubuzima budahera, ntizizokwigera zipfa, bisubiye nta wuzozinkura mu minwe. Data yazimpaye aruta bose kandi nta wuzoshobora kuzikura mu minwe ya Data. Jewe na Data turi umwe.»


Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.

%d blogueurs aiment cette page :