IMANA NI NZIZA

Accueil » 2018 » novembre

Archives Mensuelles: novembre 2018

Indwi ya 32 yo mu mwaka : ku wa gatatu (Années paires)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Tito (3, 1-7)

Mukunzi wanje,

Ibutsa abantu kuyoboka no kugamburukira abakuru n’abatwara intara, bakerebuke mu bikorwa vyiza vyose, ntibagire uwo batuka, ntibitoraguze, bengengane riho kandi bame berekana ubwitonzi ku bantu bose; kuko natwe nyene kera twari imburabwenge, intabarirwa, abazimiye, abaganzwa n’ivyipfuzo be n’ibiryohera umubiri vyinshi cane, abamye bagendera mu bubi no mu nzigo, abaterana ishishi bakankana.

Ariko, umusi Imana Umukiza wacu yerekana impuhwe n’urukundo ifitiye abantu, ntiyiriwe irihweza ibikorwa vy’ubutungane twari twakoze. Imbabazi zayo zonyene, ni zo zatumye idukiza mu mazi yatwuhagiye akabi kose kari karatuzingamitse, tugasubira kuba bazima muri Mutima Mweranda. Uwo Mutima Mweranda yamutuvyagijemwo ku bwa Yezu Kristu, Umukiza wacu, kugira ngo amaze kutugira intungane, tube abaragwa b’ubuzima bwamaho twizigiye.

 

IZABURI 22 (23) 1-2b, 2c-3, 4, 5, 6

Icit.: Umukama ni we mwungere wanje,
         nta co nokena.

Umukama ni we mwungere wanje,
sinzokena;
ni we amvyagiza
mu canya c’ubwatsi buremvye.

Iruhande y’amazi adasuma, ni ho azonshikana
aremesha umutima wanje ubudasiba;
ni we anyoborera inzira nziza
ku bw’izina ryiwe.

Sinzogira ico ntinya
n’aho noca mu mwonga mu mwijima,
kuko uri kumwe nanje:
kuko inyobozo yawe impumuriza.

Untegurira ameza
mu maso y’abansi;
waransize amavuta ku mutwe,
igikombe canje kirasesekaye.

Eka mbere mu bugingo bwanje
namana impore n’ubuhirwe;
inzu yanje ni ingoro y’Umukama
imisi yose y’ubugingo bwanje.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Yeruzalemu, igine Umukama,
ni we arungikira isi ijambo ryiwe.
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (17, 11-19)

Muri irya misi, Yezu yariko aragenda i Yeruzalemu, aca ku rubibe rwa Samariya n’Ubugalile. Ariko araca mu mihana yaho, hakaba abantu cumi barwaye imibembe baza bagana iyo yari ari. Bashira ijwi hejuru bakiri kure, bati: «Yezu, Mwigisha, tugirire ikigongwe!» Na we ngo ababone, arababwira ati: Nimugende mwiyereke abaherezankuka.»  Na bo bashitse mu nzira, babona bakize.

Umwe muri bo rero ngo abone yakize, aca asubira inyuma, aza arishongora aninahaza Imana; ashitse imbere ya Yezu; akubita ibipfukamiro hasi amukurira ubwatsi. Kandi uno yari Umunyasamariya. Yezu rero arabaza ati: «Mbega, ntibakize bose uko bari icumi? Nta wundi yoboneka ngo agaruke aninahaze Imana, atari uwo munyankiko!  Araheza amubarira ati: «Va hasi, ugende; ukwemera kwawe kuragukijije.»

%d blogueurs aiment cette page :