IMANA NI NZIZA

Accueil » 2019 » février

Archives Mensuelles: février 2019

Idominika y’8 yo mu mwaka C

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca Mwene Siraki (27, 5-8) (gr. 4-7)

Ntihagire uwo uhayagiza utaramwumva imvugo

Iyo bahejeje kugosora, ntihabura agakumbi gasigara;
ni ko kw’uko no ku muntu; mu mvugo yiwe ntihabura akagorame.
Nk’uko umuriro ugaragaza ubupfu bw’inkono y’umubumvyi,
ni ko n’ururimi rw’umuntu rugaragaza ico umuntu arimwo.
Umurima bawushimira ku vyimburwa,
umutima w’umuntu na wo userurwa n’amajambo yiwe.
Ntihagire uwo uhayagiza utarumva imvugo yiwe,
kuko ari yo karangamuntu.

IZABURI 91 (92) 2-3, 13-14, 15-16

Icit.: Birabereye, Mukama,
         ko twokuririmbira.

Birabereye gukengurukira Umukama,
birabereye gucurarangira izina ryawe, Rudasumbwa,
n’uko twoyaga urukundo rwawe bugica bukadukerako,
tukivuga ko utigera uhemuka.

Intungane izokura bwa kigazi,
isagarare nk’isederi ryo muri Libani;
ababaditswe mu ngoro y’Umukama
bazokurira hafi y’uruhimbi rw’Imana yacu.

No mu busaza bazovyara,
bagumye iremba n’mnugisha,
kugira ngo bayage ubutungane bw’Umukama
kandi ko ari we muzirakinyoma.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (15, 54-58)

Imana yaduhaye intsinzi ku bwa Yezu Kristu

Ncuti zanje,
Ku musi w’imperuka, igishobora gutituka muri twebwe kizohinduka ikidatituka, icagenewe gupfa kizogabana ukuramba imyaka yose. Niho rya jambo ryanditswe mu Bitabu Vyeranda rizotaha ngo:
«Urupfu rwamizwe n’intsinzi.
Wa Rupfu we, intsinzi yawe iri hehe?
Wa Rupfu we, umugera wawe wuzuye ubumara uri hehe?
Umugera w’urupfu ni igicumuro, igicumuro gikomezwa n’ibwirizwa. None rero, nidukengurukire Imana, Yo iduba intsinzi ku bwa Yezu Kristu Umukama wacu. Ni uko rero, benewacu nkunda, nimugumye umutima, mube intayegayega, nimutere imbere imisi yose na hose mu gikorwa c’Umukama, muzi neza yuko uburuhe bwanyu budapfa ubusa muri Kristu.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Murasayangana nk’amatara kw’isi,
uko mutwara ijambo ry’ubuzima.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (6, 39-45)

Yezu yama yigisha mu migani

Umushaha wa Yezu

Umusi umwe, Yezu yabwiye abigishwa biwe mu migani, ati: «Mbega, impumyi yoshobora kwereka iyindi inzira? Ntizogwa zompi mu manga? Nta mwigishwa aruta umwigisha; ariko umwigishwa nyawe wese azomera nk’umwigisha wiwe. Ni kuki ubona akatsi kari mu jisho rya mwenewanyu, ntubone urugiga ruri mu ryawe? Kibure, bishoboka bite ko ubwira mwenewanyu uti: “Mugenzi, hinge ndagutosore akatsi kari mu jisho ryawe”, wewe utabona urugiga ruri mu jisho ryawe? Wa mwangushi we, banza ukure urugiga ruri mu jisho ryawe, hanyuma ubone gukura akatsi kari mu jisho rya mwenewanyu. Kandi nta giti ciza cama ivyamwa bibi, nta n’igiti kibi cama ivyamwa vyiza. Igiti cose cerekanwa n’icamwa caco bwite: nta wamura amatenahi ku mahwa, nta waha ivyamwa vy’imizabibu ku mikere. Umuntu w’intungane akura mu ntabonwa yiwe y’ubutungane ibintu vyiza, na we umuntu mubi agakura mu vyiwe bibi ibintu bibi; na none, umuntu avuga irivuye ku mushaha.»

Idominika y’7 yo mu mwaka C

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere ca Samuweli (26, 2.7-9.12-13.22-23)

Dawudi yanka kwihora

Muri irya misi, Sawuli yarahagurutse afata urugendo amanuka mu gahinga ka Zifu, ajana n’abantu ibihumbi bitatu, intwari z’Israyeli, ngo baje gufata Dawudi mu gahinga ka Zifu. Dawudi na Abishayi na bo bagenda mw’ijoro aho ba bandi bacumbitse, basanga Sawuli araryamye yasinziriye mu rusago, icumu ryiwe rishinze ku musego, Abuneri n’ingabo ziwe zose basinziriye iruhande yiwe.
Abishayi araheza abwira Dawudi ati: «Uyu musi, Umukama yakugabiye umwansi wawe. Ndeka ndamusogoteshe icumu ryiwe rimwe rudende, ndamumatanishe n’isi.» Dawudi ni ko kumwishura ati: «Ntumwice. Ni nde yoshobora kwica umuntu yahezagiwe n’Umukama ngo aheze arokoke?» Dawudi afata rya cumu ryari rishinze ku musego be n’umukuza w’amazi: baca barigira. Nta n’umwe yababonye, nta n’uwabaciye n’ikanda, nta n’uwikanguye, bose bari basinziriye, kuko bari bahwikiwe n’itiro Umukama yabasutsemwo.
Dawudi arajabuka, ahagarara kw’itaba ry’umusozi, hari akarere katari gato hagati yabo. Dawudi arasemerera ati: «Icumu ry’umwami riri hano. Nihagire uwujabuka, aze aritore. Umukama azohera umuntu wese ku butungane bwiwe no ku bweranda bwiwe: uyu musi, Umukama yari yagutaye mu maboko yanje, ariko nanse kukwica, kuko wahezagiwe n’Umukama.»

IZABURI 102 (103) 1-2, 3-4, 8-10, 12-13

Icit.: Umukama ni we Nyenimbabazi n’ikigongwe.

Himbaza se mushaha wanje Umukama,
maze n’amagara yanje yose aninahaze izina ryiwe ryeranda;
himbaza se mushaha wanje Umukama,
maze ntihagire ico wibagira mu vyiza vyiwe.

Ni we akurekurira ibicumuro vyawe vyose,
ni we agukiza indwara zose,
ni we akugarurira ku cobo,
ni we atuma uhagatirwa n’urukundo n’igishika.

Umukama ni we Nyenimbabazi n’ikigongwe,
ntakaza ishavu, akaza urukundo;
uko ducumura, si ko aduhana,
uko tumutuka, si ko adusubiza.

Nk’uko ubuseruko buri kure y’uburengero,
ni ko adushira kure y’akabi kacu;
nk’uko umuvyeyi akunda abana biwe,
ni ko Umukama akunda abamwubaha.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (15, 45-49)

Kristu, Adamu mushasha

Ncuti zanje,
Adamu wa mbere yari umuntu yagabanye ubuzima, Adamu wa nyuma na we, ari we Kristu, ni we wâ mutima utanga ubuzima. Mugabo, ntihatanguye kuboneka uw’umutima, hatanguye uwugenzwa n’umubiri, hanyuma haza uw’umutima. Kubera ko yabumbwe mw’ivu, umuntu wa mbere yavuye kw’isi; umuntu wa kabiri we yavuye mw’ijuru. Uko uwavuye mw’ivu ameze, ni ko kandi abavuye mw’ivu bazoba; uko uwavuye mw’ijuru ameze, ni ko kandi abavuye mw’ijuru bazoba. None rero, nk’uko twashushanijwe n’uwavuye mw’ivu, ni ko tuzoshushanywa n’uwavuye mw’ijuru.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Umukama yavuze ati: «Ndabahaye itegeko rishasha:
Nk’uko ndabakunze, nimukundane namwe.»

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (6, 27-38)

Nimube abanyakigongwe, nk’uko So wanyu ari umunyakigongwe

Umushaha wa Yezu

Umusi umwe, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Mwebwe munyumviriza ndababwiye: Nimukunde abansi banyu, mugirire neza ababanka, muhezagire ababavuma, musabire abababeshera. Hagize uwugukubita kw’itama rimwe, tega kandi irindi; n’uwuzogutwara umutamana, ntumubuze kugutwara ikanzu. Uwugusavye n’umuhe, kandi uwuzogutwara utwawe ntutuburane. Ico mushaka ko abandi babagirira, kibagirire namwe.
Nimwakunda ababakunda gusa, vyobamarira iki? N’abanyakabi nyene barakunda ababakunda. Nimwagirira neza ababagirira neza, vyobamarira iki? N’abanyakabi ni ko bagira. Nimwagurana abo mwishimiye ko bazobasubiza, vyobamarira iki? N’abanyakabi baragurana abanyakabi ngo baronke ibingana na bino. Mweho, nimukunde abansi banyu, mugire ineza, mugurane ata co mwishimiye; impera yanyu izoba nini, kandi mube abana b’Uwo mw’ijuru, kuko agirira neza intashima n’ababi. Nimube abanyakigongwe, nk’uko So wanyu ari umunyakigongwe. Ntimucire abandi rubi, niho mutazorucirwa; nimurekurire abandi, niho muzorekurirwa. Nimutange, ni ho bazobaha; bazobasubiza ingero nyayo, yuzuye, itsindagiye kandi isesekaye; ingero mugererako abandi ni yo namwe muzogererwako.»

%d blogueurs aiment cette page :