IMANA NI NZIZA

Accueil » Méditations » Inyigisho yo ku wa gatanu mweranda

Inyigisho yo ku wa gatanu mweranda

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Les visiteurs de ce blog seront satisfaits d’avoir trouvé  plusieurs articles qui les  aident à améliorer leurs connaissances en matière de vie spirituelle. Aussi, nous ne doutons pas qu’ils aient, eux aussi, des connaissances à partager avec nous . Qui trouvera une ou quelques erreurs est prié de nous le signaler pour nous édifier mutuellement.  Nous vous prions de faire beaucoup de commentaires à nos articles, nous en avons tellement besoin.

Bienvenue!


Ibisomwa vyategekanijwe mu guhimbaza amabanga y’ukubabara kw’Umukama wacu Yezu Kristu

  • Izaya 52, 13-53, 12
  • Izaburi 30, 2.6. 12-13. 15-17.25
  • Abahebereyi 4, 14-16 ; 5, 7-9
  • Yohani 18, 1-19, 42

Insiguro

  1. Yezu yabanje kubabara cane mu mutima

Abantu mwakunze, canke abantu mukunda ubu, mwama mugira ibishoboka vyose ngo bamererwe neza. Murabaha ivyo bafungura, murabaha ivyo banywa, murabaramutsa, murabarungikira utumessages ku ma terefone yabo, kuri e-mail, kuri WhatsApp, kuri facebook, kuri viber, kuri tweeter, kuri telegram, n’ibindi… Iyo bagize imisi mikuru, murabashigikira, mukabagemurira, mukaja kubaramutsa, n’ibindi… Iyo bashikiwe n’amagorwa na ho, murabaremesha, mukabafasha, mukabashigikira… Iyo bakenye canke bakenesheje, murabaha imfashanyo zaba iz’umutima, impanuro, mbere mukabaha n’amafaranga canke ibindi bintu. Iyo batewe n’ibisuma canke abandi bansi na ho, murabatabara, mukabashigikira, haba mu mvugo canke no mu ngiro nyene, eka nta co mutagira. Ivyo vyose mukabigira kuko mubashakira ineza. Murabaha canke mukabagirira n’ivyo batabasavye, kandi ivyo vyose mukabigira kuko mubafitiye urukundo rw’igishika. Rimwe rimwe mbere, nk’igihe twari mu magume yo mu myaka ya 1993-2003, twarabonye n’abemeye gupfira abandi, canke bakemera gupfa hamwe na bo, hako babona bagenzi babo babatwaye kubica. Ivyo vyose rero mpejeje kuvuga, ni ibimenyetso vy’urukundo. Ivyo mperejeko, vy’abemera gupfira abandi canke bagapfa hamwe na bo, ni urukundo ruhebuje, ata majambo noronka nkoresha ngo ndarusigure… Yezu ni we yavuze ngo “Nta wushobora kurusha urukundo uwiguze abagenzi biwe.” (Yohani 15, 13). Yarabivuze yongera arabikora koko! Twavyumvise ubu nyene muri iyi Nkuru nziza yashikirijwe na Yohani nyene.
Na mwebwe nyene, birya nariko ndavuga mu kanya gaheze, mwavyigishijwe n’Umukama Yezu, mwabikoze canke mubikora kubera yabahaye Mutima Mweranda, akaba ari we abibafashamwo. Murumva ko ari uwo gukengurukirwa.
Ubu rero ngira ntangura kubabaza utuntu tumwe tumwe, kugira ngo twumve ingene yabanje kubabara mu mutima. Mbega, biramaze kubashikira, mugahemukirwa n’umuntu mwakundana cane, canke mwakunda cane (kumbure akaba yahora abahenda abezako akarimi), mwari mwiteze ko ari we yobarwanyeko? Ubwo mwebwe birabashikira mukabwira umuntu muti : «Ndagukunda», canke mbere mukabimwereka, hanyuma uno na we, akaguma abishura ngo «Si vyo, urampenda», ati : «Sindavyemera», n’izindi nyishu zisa na ben’izo? Nivyaba vyarabashikiye, ndazi neza ko mwababaye mu mutima. Na Yezu vyaramushikiye, twavyumvise, kuko urya muntu yamugurishije, yari yabanje kumuha intoré idimvye (Yohani 13, 26), kandi ico cari ikimenyetso c’urukundo rukomeye rwose. Uwundi na we ntiyamugurishije, ariko rudedanyeko, yagize ati : “Sindamuzi”!
Biramaze kubashikira mugakunda umuntu na we akabereka ko atabinezwe? Ndazi ko mwababaye. Na Yezu murabona ko vyamushikiye, kandi We ngira ngo n’ubu hari abatari bake bamuha inyishu ben’izo: ndabigarukako mu kanya.
Vyarabashikiye muraba mu maganya no mu ngorane, mukipfuza ko horenguka n’umugenzi n’umwe ngo abaremeshe, ariko mukabura n’igihǒri? Mwarababaye ndabizi. Na Yezu ni ko vyamugendeye.
Duhava rero tuvuga tuti : «Iyo aba jewe, sinari kumuvirira canke sinari kumugurisha, nari kumuguma iruhande, nkamushingira intahe…», nka kumwe nyene twama tubiririmba iyo dushengereye Yezu m’Ukaristiya, ngo «Ndagukunda Mukama…», canke ngo «Mukama turagukunda, nta wundi n’umwe tugusumbisha.» Nivyaba ari vyo, urashimira Imana, atari vyo naho upfukame uyisabe ikigongwe, kandi uyisabe igufashe, uzokira, ariko ico womenya, ni uko Yo igukunda.
Ivyo Yezu yababaye mu mutima sinobidondagura ngo ndabimare kuko ni vyinshi: ivy’ugukwegwa mu rubanza, ivy’ukutemerwa, ivy’ugutyozwa mu ma jambo n’ibindi…

Yezu yarababaye ku mubiri

Ivyo ku mubiri, sinirirwa ndabidondagura, bimwe turabibona mu Nkuru nziza, ibindi tukabibona neza mu nzira y’umusaraba, na yo nyene isanzwe itwibutsa ibiri mu Nkuru nziza nyene. Tubanona ko yaciriwe urubanza rwo gupfa, yarambitswe urugori rw’amahwa rubabaza ku mutwe, baramubashije igiti, na vyo nyene murazi ko bibabaza kuko ntibakubita buhoro buhoro, arikorera umusaraba uremereye, turabona ko yagiye aragwa hasi, turabona ko yakomeretse bakaza baratoneka inguma ziwe, baramushinzemwo imisumari, yaramaze isaha zitatu abambwe atagira aho asaganiriza, birababaza cane. Aha nciye nibuka ivyo nigeze kugira: nciga mw’Iseminari ntoya y’i Mureke, twari twagize Inzira y’umusaraba, hanyuma nanje mu nyuma nja ku ruhome ndarwegamira, ndasanzako amaboko, aho nibwira nti: “Reka numve ingene vyagenze.” Nta n’iminota itanu narumazeko! Kandi murumva ko jewe nari mfise aho nishimikije kuko amaguru yari hasi, nari mfise isaganirizo. Yezu yarababaye cane bagenzi!

Kwigana Yezu mu kwikorera umusaraba wacu wa misi yose

Umusaraba

Birashobora gushika ntituzokwigere turanka umusaraba w’igiti twikorera, ariko umusaraba tuzokwama tuwikorera nitwaba dushaka gukurikira Yezu mu vy’ukuri. Aha jewe numva ivyo yose bigora umuntu kubera ko yakunze abandi. Ntushobora gukunda abandi ngo habure ibikugora haba ku mubiri no ku mutima. Iyo Yezu ariko aratubwira ati : «Uwushaka kungendanira niyihebe we nyene, yikorere umusaraba wiwe ankurikire», jewe numva umengo aba ariko aratubwira ati : «Nimukunde Imana mutiziganya, mukunde n’abantu mutiziganya, ariko mumenye yuko hariho ibizoza bibarwanya, ko hariho imitego myinshi muzotegerezwa gusimba…» Umukama ntavuga ngo : «Nimubabare, musubire mubabare, buce bwongere buce mubabara, ni ho muzoba muri abigishwa banje.» Ihibambewe! Ariko atubwira ati: «Nimukunde, kandi ntimurondere gukwepa amagorwa, canke ibindi vyose vyoza bibarwanya mu rukundo mufitiye Imana n’abantu, ntimurondere kwiyorohereza, kuko urondeye kwiyorohereza, nta neza uzokora.» Ah’ugukora ineza, uzosanga uriko urakora inabi, kuko inabi ni ikintu womengo kirasayangana, ariko wamara kugishikamwo ugasanga nta butore cari gifise. Ngo «Ninica naka, nzoronka amahoro.» Ariko ntuyaronke. Ngo : «Ninavuga nabi naka, kirya kibanza arimwo, nzoca ndakijamwo, canke ngo ntazokintanga.» Yamara ugahomako! N’ibindi ben’ivyo.

Twirinde kuremeka umusaraba abandi.

Bavukanyi, ubu rero hageze ko, dufatiye kuri ibi vyabaye kuri Yezu, turaba yuko tutama twamusubije ku musaraba kubera ivyo tugirira abavukanyi bacu, kuko turazi neza ko ivyo tubagirira ari vyo tuba tugiriye Yezu (Matayo 25, 40). Yezu rero, imbere y’uko yikorera umusaraba, yabanje gucirwa urubanza, kandi urubanza rutari rwo. None tweho, ntitwama twaciriye imanza abandi, ata kigongwe? None tweho ntitwama turemera abandi ibinyoma. Neza na neza, ukaja ngaho, umuntu ukamwiyumvirira ibintu, ukabiremarema, ukabivuga kandi ukabisigura, na ho kumbure atari vyo, ari uko utaramwiga neza, canke utategereye inyifato yiwe, kandi utazi icabitumye, mbere ugaca ugenda umuhaye n’iharama: naka ameze gutya canke ukamutazira izina! Yezu, twama twamufashe nabi muri benewacu: urya ntitwosangira, urya ntitwokorana, urya ni ikijuju, urya ni mubi na yo jewe ndi mwiza, n’ibindi. Uhora ugendera mu macakubiri, afatiye ku bwoko, ku migambwe, ku ntara n’ibindi? None ntiwumva ko Yezu uba wamukuye mu buzima bwawe? None vyoshoboka bite ko umuririmbira ngo «Ndagukunda Mukama», hanyuma wagera hanze, ugatangura gufata ba bandi nyene akunda urutagira ingero, ugatangura kubacamwo imigwi, ngo hari abakwiye guhabwa iteka n’abakwiye kuvaho, none bose ko ari abakunzi biwe, kandi na we abakunda cane (nk’uko na wewe agukunda), ubwo niwamara kubirukana uzoguma umubwira ko umukunda bikunde? Ibi bintu vyose rero bidutuma twanka umuntu, n’aho yoba ari umwe, biba biriko biradutanya na Yezu Kristu. Yezu akababara, turorera, ntihagire na kimwe tugira: ni ba boro tutaraba n’iryahumye, ni ba bandi batwitura tukanka kubumviriza, ni ba bandi barwaye, tutaraba n’iryahumye. Reka mbere ngeze ngaha sindabarambire, ico twumva ni uko hageze ko dusubira gusuzuma imitima yacu. Ntitukaremeke rero umusaraba abandi. Abo muri Renouveau Charismatique y’i Ngozi ni bo numvise bariko barigishanya bavuga bati: «Ntihagire uwuva ngaha, ngo ace aba uwa mbere mu kugambararira abavyeyi, mu kugendera amacakubiri, mu kwiba, mu kwica, mu gusambana, mu kurenganya abandi, mu kwararaza abandi, eka mu gutera ingorane abandi.» Natwe twovuga nk’uko. Ese Umukama yobidufashamwo!


Un commentaire

  1. […] Ku wa gatanu mweranda : Inyigisho […]

    J’aime

Laisser un commentaire

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.