IMANA NI NZIZA

Accueil » Vie chrétienne (Page 2)

Archives de Catégorie: Vie chrétienne

Yozefu mweranda

Aha nanditse ikiganiro cagizwe na Patiri Jean-Eudes Ngendakumana. Yampaye uruhusha rwo kwandika iyi nyigisho kuri Yozefu Mweranda. Yari yayimpaye kuri WhatsApp hanyuma ndamusaba uruhusha kuri Hangouts rwo kuvyandika nkabibashikiriza. Ndamukengurukiye cane, n’ahezagirwe !

Yozefu mweranda areze Yezu

Bakunzi b’Imana, dufashanye muri aka kanya kuzirikana Yozefu Mweranda, tumenye Yozefu  Mweranda uwo ari we. Maze gutohoza nkumva ndanyuzwe kandi nsanzwe ndamukunda cane nk’uko nzi ko mumukunda Yozefu Mweranda, nashimye yuko dusabikanya kuzirikana uwo ari we. Ni Patiri Jean-Eudes Ngendakumana agomba kuganira namwe, n’abo bose bariko bumviriza kandi bipfuza ko dusangira kwambaza Yozefu Mweranda ngo atubere mu ngoro. Turaza kuganira twumve Yozefu uwo ari we : Yozefu ni nde ? Iryo zina rya Yozefu risigura iki ? Ayandi mazina arikomokako, ni ayahe kugira ngo tumenye abo dusangiye iryo zina rya Yozefu ? Muza gusanga mbere abatari bake bahimbaza Yozefu Mweranda. Turaza kuraba Yozefu Mweranda mu Vyanditse[1] Vyeranda ingene bamutubarira, turaheza turabe ingene twomuhimbaza : ni ryari, kandi vyatanguye kuva ryari ? Ni umuvunyi wa bande Yozefu ? Turaza kuraba Yozefu ico tumumenyerako ku masanamu meranda dukunda kubona ; ibimenyetso tubona bisigura iki ? Mu buzima bwacu, Yozefu ni nde ? Turaza kuvuga Yozefu uwo ari we, cane cane ico twomusaba n’ico twomwiganako. Hanyuma turaza kurangiza dutasha abatari bake bahimbaza Yozefu mweranda ku buryo budasanzwe nk’umuvunyi wabo. Munkundire rero nduge kw’ijambo, hanyuma turaza gusubira turangize twumviriza nyene aka karirimbo k’uru rwaruka rw’i Gatara kavuye mu Bene-Yozefu, mbere tukaba tubipfurije Umusi mukuru mwiza wa Yozefu Mweranda.

Yozefu mweranda, ni nde ?

Yozefu mweranda, nk’uko dusanzwe tumuzi, ni umurezi wa Yezu, akaba umushingantahe wa Bikira Mariya. Bari bubatse, kandi turazi ingene vyagenze : ingene umumarayika yaje agahumuriza Yozefu igihe yari mu mayirabiri, yari mu yashushe, agomba guheba Bikira Mariya mu mpisho, hanyuma umumarayika akamugendera, akamubwira ati : « Ntutinye, iyo mbanyi afise, yakomotse kuri Mutima Mweranda. » Hanyuma barabana, kandi babana neza, bagira Umuryango Mweranda.

None iryo zina « Yozefu » risigura iki ?

Iryo zina « Yozefu », ni izina rivuye mu rurimi rw’igihebereyi, eka mbere n’ikigereki, rivuga riti : «Yoshef», risigura : «Imana irongera» (Dieu ajoute). Imana irongera, Yozefu yaramwongeye ku bweranda n’ubwitonzi bwiwe, Imana iruhira, ni co bisigura Yozefu. Muca mwumva yuko twese twitwa ba «Yozefu», kuko Imana yama yatwuhiriye kandi turakenguruka ko yuhira. Imana iruhira.

Yavutse ryari ?

Ibitabu rero bimwebimwe twaravye bitubwira yuko Yozefu yoba yavutse mu mwaka wa 35 imbere yuko Yezu avuka, ibindi bikatwereka yuko yoba yitavye Imana imbere yuko Yezu Kristu aja ku musaraba ngo adukize, bikatwereka mbere yuko yashengeye neza, bakamusezera neza. Ivyo bitabu kandi biratwereka yuko Yozefu yari umuntu w’intungane koko, kandi akomoka muri wa muryango Aburahamu[2], muri wa muryango wa Dawudi, agaheza akaza, Imana itwêreka yuko ikurikiza ico yari yaratwemereye, c’ukutazohemukira amasezerano yagiraniye na Aburahamu, igaheza igatora mu ruvyaro rwiwe, ikabandanya igikorwa yemeye c’ugukiza abantu bose.

Amazina akomoka kuri Yozefu

Yozefu Mweranda, turabandanya tuvuga tuti : «Ni nde?» Yozefu mweranda rero, iryo zina nk’uko twavyumvise, risigura «Imana irongera» (Dieu ajoute), rifise ayandi mazina arikomokako atari make, ayo mazina twibaza yuko abatari bake basanga baza kwiyumvamwo. Turumva yuko Yozefu mweranda rishobora gusigura Yozefu nyene. Ayandi mazina rero akomoka kuri Yozefu, abo dufashanya guhimbaza Yozefu uyu musi, ni abitwa ba Giuseppe[3], abo bita ba Jo, Jobe, Jose, Josée, Josée Marie, Josepha, Josèphe, Joséphine, Josette, Josiane, Yosit, Yussef. Abo bose rero, ni amazina afise insiguro imwe na Yozefu.

Yozefu mu Vyanditse vyeranda

Muti : «None Yozefu tumusanga hehe mu Vyanditse vyeranda ?» Ni vyo, dusanga Yozefu ata majambo yiwe batwereka avuga mu Vyanditse vyeranda, ariko turabona aho baheza bakavuga ivyerekeye Yozefu mu majambo makemake, ku buryo tutomoye canke ku buryo bumeze nk’ubuhinyitse, mugabo umuntu agiye gutohoza neza, bitwereka yuko baba bagomba kuvuga Yozefu. Nko mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka, turasanga kwa Luka 2,3 batubwira ivuka rya Yezu, aho abavyeyi bagenda kuri rusansuma, bagenda bakurikiza itegeko ryari rihari, itegeko ry’igihugu ; bitwereka ko Yozefu rero yari umuntu agamburukira cane amategeko y’igihugu. Turasanga kwa Luka nyene 2,41-50, Yezu mw’isengero y’i Yeruzalemu, aho abavyeyi bagenda bakamurondera bamaze imisi bamubuze, ni ukuvuga yuko Yozefu n’iki gihe, tumubona ariko ararondera umwana wiwe Yezu yari yasigaye i Yeruzalemu mu gisengero, turazi ingene vyagenze. Kwa Luka 3,23-34, batwereka amamuko ya Yezu, aho muri ayo mamuko ya Yezu, hari aho dutinda tukabona bavuga Yozefu wo kwa Aburahamu, mu muryango wa Dawudi. Turabona kandi kwa Luka nyene 2,51-52, aho Yezu agamburukira abavyeyi biwe, akama abagamburukira imisi yose. Yezu rero yarezwe na Yozefu, yaramugamburukiye, amubera ikibondo, n’aho yari Imana yiwe. Turasanga kandi mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo 1,1-17, batwereka nyene ya mamuko ya Yezu, aho dusubira tukabona Yozefu mu murongo wa Dawudi, umwuzukuruza wa Aburahamu. Kwa Matayo nyene 1,17, batwereka Yozefu aburirwa ivuka rya Yezu, muca mwibuka umumarayika Gaburiyeli aza agaheza akabwira Yozefu ingene ibintu bigiye kugenda, kuko atabitegera, kandi ntivyategereka, Yozefu aravyakira n’ubwitonzi bwinshi. Kwa Matayo nyene 2,13-23, turabona ubwa mbere Abamajusi bashikanira umwana Yezu, Yozefu ari ho ari na Bikira Mariya, bagaheza bakaraba bagatangara, mugabo bakagumiza ku muzirikanyi. Turabona kandi umwana Yezu ahungira mu Misiri. Uruhara rwa Yozefu turaruzi, ahungisha umwana wiwe na nyina mu Misiri, mbere akemera kubashira ku gitwazi, we akagenda n’amaguru, ariko bobo akabashira ku gitwazi, umwana na nyina, akagira umwitwarariko w’umuryango nk’umwitwarariko umuvyeyi wese yogira mu muryango. Turabona kandi muri ico kigabane ca Matayo, Herodi yicisha abana bose b’i Betelehemu. I Betelehemu haraba uruhamo, abana barapfa kugira ngo barabe yuko na Yezu yogiramwo, ariko Yezu Imana yaramukingiye, na none umugambi w’Imana ntushobora kugenda akagirire ngo ni ukubera ububi bw’abantu. Yozefu, ivyo vyose yarabibona, bikaguma ku muzirikanyi. Turabona kandi muri ico kigabane Yozefu ahunguka akazana umuryango i Nazareti. Yozefu koko yarahunze ahungana umuryango, ariko yarahungutse, yarahavuye aramenya yuko ubuzima bwiwe Imana iheza ikabuzigama umusi uri izina agaheza akaronka umuryango n’igihugu ciwe, araheza arahunguka. Ivyo vyose bikatubera inyigisho. Mu Bwuzure Bushasha rero, si henshi cane bavuga Yozefu, na none nta n’ijambo batubwira Yozefu yoba yaravuze ngo bamuvugishe, ariko aguma yinumiye, vyose akabikora mu bwitonzi. Turasanga kandi mu Bwuzure Bushasha, Pawulo mweranda aho yandikira Ab’i Roma 4,13-22, atubwira umuhango wa Aburahamu azotorana isi. Mu muhango wa Aburahamu ni ho havuye uwo Muryango mweranda, Imana igaheza ikibuka yuko ivyo yasezeranye ibishitsa. Mu Bwuzure bwa kera na ho, turasoma mu Gitabu ca kabiri ca Samuweli 7,4-16, aho Natani ashikiriza Dawudi umuhango w’Imana. Ni wamuhango nyene, Natani agashikiriza Dawudi avuga yuko Imana yemereye abantu Umukiza n’Umucunguzi, kandi azova mu muryango wa Dawudi. Mw’Izaburi 89,2 na ho, dusanga rya Zaburi Yozefu mweranda yakoresha, aho avuga ati : «Ndaguhaya, Mukama, kuko wangiriye ivyiza.» Ni uguhaya ubudahemuka bw’Imana, ni rwa Ruririmbo rwa Zakariya. Bavukanyi, muri ubu Bwuzure bushasha n’ubwa kera, turabona neza ingene Imana yagiye itegura bukebuke igihugu cayo, kandi Yozefu mweranda akagira uruhara ruhambaye.

Ni ryari duhimbaza Yozefu Mweranda ?

Muti : «None Yozefu mweranda tumuhimbaza ryari, kuva ryari, ni umuvunyi wa ba nde ? » Yozefu mweranda tumuhimbaza itariki 19 z’ukwezi kwa gatatu, ariko kandi turamuhimbaza itariki ya mbere y’ukwezi kwa gatanu nk’umuvunyi w’abakozi. Yozefu mweranda rero, nk’uko tubisanga mu matohoza amwe amwe, tubona yuko mu 1955 ari ho Papa Piyo XII yahava agashinga yuko hahimbazwa umusi mukuru wa Yozefu mweranda mu gihe Papa Piyo IX yari yaramaze gushinga ko uwo musi wohimbazwa itariki 19 z’ukwezi kwa gatatu, twibuka Yozefu umushingantahe wa Bikira Mariya.

Ni umuvunyi wa ba nde ?

Yozefu dusanga yoba nk’umuvunyi w’abantu bose, mbere n’imigwi yose. Kuko tugiye kwihweza, dusanga abatari bake baramurondeyeko umuvunyi, mbere bakarondera n’ukwitwa izina rya Yozefu. Hariho imiryango y’Abihebeye Imana, duhereye ku babikira n’abafurera, hariho amashure, amavuriro yitiriwe Yozefu mweranda, hariho ibigo vyinshi bikora ubuzi butandukanye, imyuga cane cane, vyitiriwe Yozefu mweranda. Eka mbere si ivyo gusa : no ku rwego rw’ibihugu, hariho ibihugu vyarondeyeko umuvunyi Yozefu mweranda. Aha twovuga bimwe bimwe muri ivyo bihugu : Amerika, Océanie, Autriche, mbere n’iki gihugu ndimwo c’Ububirigi, Croatie, Canada, Méxique, Pérou, Ubushinwa, Corée, Viet-nam, Nouvelle Zélande, n’ahandi, ugasanga bashimye ko Yozefu yoba umuvunyi w’ivyo bihugu ku buryo budasanzwe. Mbere n’ico bita «Nouvelle Evangélisation», Ukwigisha Inkuru nziza bushasha na vyo nyene vyatoye umuvunyi Yozefu mweranda. Yozefu mweranda rero, novuga nti : «Ni umuvunyi w’abantu n’imigwi yose.» Mbere abagomba gutwenza, baravuga yuko Yozefu mweranda na we ari umuvunyi w’abigisha, akaba n’umuvunyi w’abanyeshure. Ngo ni umuvunyi w’abigisha kubera ko Yozefu mweranda usanga afise umusumeno, yama ariko arabaza. Umwigisha na we mw’ishure, ameze nk’umuntu yama ariko arakora n’inguvu nyinshi : kubaza. Agaca aba umuvunyi w’abigisha. Akaba umuvunyi w’abanyeshure na ho kuko abanyeshure benshi usanga mw’ishure bama basinziriye kubera ukuruha, bagaca bavuga bati : «Yozefu ni umuvunyi wacu, kubera ko na we yaronka ubutumwa asinziriye.» Si je nohahera !
Bakunzi b’Imana, Yozefu mweranda rero murumva yuko ari umuntu ahambaye cane mu butumwa bwacu, mu buzima bwacu, eka mu mpande zose.

None Yozefu mweranda tumumenyeshwa n’iki ku masanamu dusanga aha na hariya?

Yozefu mweranda dusanga ari umuntu w’umushingantahe, ahagaze, afise inkoni kenshi na kenshi, mbere bakamwerakana akatari gake afise umusumeno. Turetse umusumeno n’inkoni, urasanga kandi Yozefu mweranda bamutwereka afise ishurwe ry’irisi. Urashobora gusanga ahandi batwereka Yozefu mweranda aho bashoboye kumucapa hariho n’akanuma kera.

Insiguro y’ivyo bimenyetso

Muti : «None ivyo bimenyetso bisigura iki ?» Yozefu mweranda bamwerakana afise umusumeno kubera ko yari umubaji, yari umufundi. Bamwerekana afise inkoni, mbere rimwe rimwe iriko irisi, iyi ni inkuru ijanye n’igihe c’ukuja gukwa Bikira Mariya, canke ukuronka uwo umugeni Bikira Mariya. Barakoranye baja hamwe, abasore bose baraza, hanyuma babaha novuga nti “ikizamini” kimeze nk’ikimenyetso bategerezwa kurabirako yuko umusore yoba yamutsindiye, abe ari we azomubera umushingantahe. Babahaye inkoni rero bose, hanyuma barasenga, inkoni ya Yozefu ica irazako ishurwe ry’irisi, kiba ikimenyetso c’uko ari we atahukanye Umuvyeyi Bikira Mariya. Iyo nkoni iriko irisi rero ni ico isigura. Hanyuma habonetse n’akanuma kera muri ico gihe mu kimenyetso cerekana yuko Yozefu ari we agiye gutahukana uwo mukenyezi, ako kanuma rero aho bakerekanye, kerekana ikimenyetso kiza kivuga giti : «Ni uyu Yozefu agiye gutahukana uwo mukenyezi.» Ivyo tubisanga mu nyandiko zimwe zimwe udasanga henshi, zimwe bita Apocryphes chrétiens.

Yozefu mweranda mu buzima bwacu

Bakukanyi, none mu buzima bwacu, Yozefu mweranda twomwambaza gute, twomusaba iki, twomwigana gute ? Yozefu mweranda, hari ibisabisho vyinshi kandi vyemejwe n’Ekleziya, twoshobora gukoresha mu kwambaza Imana tumuciyeko. Hariho neuvaines n’ibindi vyinshi dushobora gusanga mbere turonswa n’abo bihebeye Imana baronseko Yozefu umuvunyi. Abene-Yozefu ni bo ngomba kuvuga cane cane, barashobora kudufasha mu kutwereka ingene twokwambaza Imana duciye kuri Yozefu mweranda. Turashobora kandi gukoresha ibisabisho bisanzwe bihari, mbere murazi yuko muri iki gihe Ekleziya yashize muri vya bisabisho vyo mu Nkuka y’Imisa iryo zina rya Yozefu mweranda riza rikurikirana n’izina rya Bikira Mariya mu bitabu vy’Inkuka y’imisa.

Yozefu mweranda mu buzima bwacu no mu buzima bw’imiryango

Twoufatirako vyinshi. Nk’akarorero, afise ingeso nyinshi nziza. Iyiza iziheta zose, ni ukuba intungane. Ubutungane bwiwe buhagaze kuki ? Ubutungane bwa Yozefu, ari bwo twofatirako akarorero mu buzima bwacu, bufatiye kuri uko kwigumya : yarazigama ibanga, akumva, agategera hanyuma akarangura ico Imana ishaka. Yarubaha Imana Yozefu. Yaritwararika umuryango wiwe, akawuronderera ikiwutunga. Yozefu ntiyishira hejuru, yaricisha bugufi, agaheza akakira ishaka ry’Imana kandi akarirangura atayogoye. Yozefu yariyumanganya. Yozefu, mu magume yose yamushikiye, yaraheza akavuga ati : « Ishaka ry’Imana riraranguka.», akabigira mu bwitonzi bwinshi n’ubwiyumanganyi bwinshi. Yozefu yarumviriza agategera. Umumarayika w’Umukama amubariye, yaraheza akumviriza, agategera. Yozefu rero, yari umuntu atumvira amabwire canke amohe. Muribuka igihe yabona yuko Bikira Mariya yibungenze imbanyi atazi iyo yavuye, yigiriye ingingo y’ukumuhebera mu mpisho, n’aho balubwira bati : «Muhebe.», ariko yaraheza akavyitwararika, akirinda amabwire n’amohe, akumviriza ijwi rya Mutima Mweranda. Yozefu rero, yotubera akarorero muri vyinshi, cane cane, mu ngo zacu, mu kwubaka, umushingantahe n’umupfasoni, bakagira izi ngeso za Yozefu mweranda : ubwiyumanganyi, ukutumviriza amabwire n’amohe, ukutishira hejuru, ukwitwararika umuryango, ukwubaha Imana n’ingeso y’ukuzigama ibanga mu rugo. Imana rero ibandanye yuhira kw’izo ngeso musanzwe mufise.

Ico twosaba Yozefu

Bavukanyi, muti : «None Yozefu mweranda twomusaba iki ? Tumwipfurize ba nde ? Tumusavye ubutungane. Yozefu mweranda akize Uburundi, aburonse ubutungane, umwe wese ubutungane buze mu mutima wiwe ubwa mbere, kugira ngo yame yumviriza ijwi ry’Umukama, yame yakira ishaka ry’Imana, ritaje mu ruyogoyogo, ahubwo rije mu kwumvikana n’ukunywana n’Imana, cane cane rivuye ku ruhimbi rweranda rw’Umukama.

Ukubipfuriza umusi mwiza

Turipfurije rero umusi mwiza abantu bose bariko barahimbaza Yozefu mweranda canke abamwumvise muri aka kanya bakumva baramukunze, tubipfurije kugumana na we, tubipfurije umusi mukuru mwiza. Na cane cane iyi miryango y’Abihebeye Imana, Abene-Yozefu, aya mashure yatoranye umuvunyi Yozefu, cane cane Iseminari ntoyi y’i Mureke n’abayiranguriramwo ubutumwa, turipfurije umusi mukuru mwiza abo bose, cane cane imibano rukristu yitiriwe Yozefu mweranda, aha nca nibuka cane imibano rukristu yo muri Paruwase ya Ngozi canke Paruwase ya Gashikanwa aho naciye, n’ahandi hose, tubipfurije mwese kubandanya munywana n’Imana, mugire ingeso nziza za Yozefu mweranda.

Ugusozera n’umuhezagiro

Yari Patiri Jean-Eudes Ngendakumana yipfuje kuyaga namwe kandi akipfuza yuko, Umukama aciye kuri Yozefu mweranda, umwe wese yomuronsa ikibereye, cane cane akaronka ico akora, kuko Yozefu mweranda yatungwa n’akazi, umwe wese nkamwipfuriza kuronka akazi, uwipfuza kuronka ico akora, eka si akazi ka Reta gusa, ni imirimo iyo ari yo yose, na none Yozefu mweranda burya, ni umuvunyi cane cane w’abafundi, abikorera utwabo, abakora ibintu vyose, eka uwo wese akora ikintu, akarondera kwitunga n’ukwitunganiriza n’ugutunganiriza abandi, Yozefu n’amubere umuvunyi. Ndabashimiye rero, ndabakengurukiye. Dushimire Imana, dusubire twumvirize ka karirimbo, ariko mbanze ndabahe umuhezagiro kw’izina rya Data n’irya Mwana n’irya Mutima Mweranda. Amen !

INSIGURO Y’IBIMENYETSO

[1] Nashimye kuvyita nk’uko bavyise muri Bibliya baheruka gushikiriza
[2] Nashimye kuryandika nk’uko riri muri Bibliya baheruka gushikiriza.
[3] Ni Yozefu nyene bavuze mu rurimi rw’igitaliyano.

Gushemeza Yozefu mweranda

Yozefu yarabungabunze Umuryango mweranda w’i Nazareti. Ubu yama ashigikira umuryango w’abantu b’Imana ari wo Ekleziya. Ni we kandi Karorero k’abashinzwe ibikorwa, abigisha kwifatanya na Yezu mu kubirangura.

AMAZINA YA YOZEFU MWERANDA

Mukama, tugirire ikigongwe.
Kristu, tugirire ikigongwe.
Mukama, tugirire ikigongwe.

Kristu, utwumve.
Kristu, udukundire.
Data wo mw’ijuru, Mana, tugirire ikigongwe.
Mwana, Mukiza w’abantu, Mana, tugirire ikigongwe.
Mutima Mweranda, Mana, tugirire ikigongwe.
Butatu Bweranda, Mana imwe, tugirire ikigongwe.

Mariya Mweranda, dusabire[1].
Yozefu Mweranda,
Mvukira nyayo ya Dawudi,
Munyangingo mu Basokuru,
Mukunzi w’Umuvyeyi w’Imana,
Murinzi mweranda w’Umubikira,
Murezi w’Umwana w’Imana,
Muzigamyi nyakuri wa Yezu,
Senaka w’Umuryango Mweranda,
Yozefu ntungane ishitse,
Yozefu ntwari ishitse,
Yozefu mugamburutsi wa rwose,
Yozefu rudatana mu ndagano,
Karorero k’abitonda,
Rutinuba ubworo,
Kororero k’abakenuzi,
Rugero rw’ababiranye,
Murinzi w’Ababikira,
Shimikiro ry’abubatse,
Muhoza w’abagowe,
Mizero y’abarwaye,
Muhagarikizi w’abacikana,
Kīza mu mashetani,
Murinzi w’Ekleziya Nyeranda,

Mwagazi w’Imana, Wewe ukiza ibicumuro vy’abantu, turekurire Mukama.
Mwagazi w’Imana, Wewe ukiza ibicumuro vy’abantu, dukundire Mukama.
Mwagazi w’Imana, Wewe ukiza ibicumuro vy’abantu, tugirire ikigongwe.

V/ Yamugize Umukuru w’Umuryango wiwe.
R/ Amushinga n’ivyiwe vyose.

Dusabe :

Mana, Wewe uyobora bose iyo uzi ugashikana, waratiye Yozefu Mweranda, ngo abe Umukunzi w’Umuvyeyi wawe nyaguhimbazwa ; dutabare rero, turabikuzamvye mudutungeko twe twamutoyeko umurinzi mu rugendo turimwo, ngo atubere umukunzi mw’ijuru. Wewe wama uri Umwami ubu no mu myaka itazoshira. Amen.

IBINDI BISABISHO

Yozefu Mweranda, ni Wewe wabaye Se w’abihebeye Imana, ukabazigama. Ni wewe Imana yizigiye ikubitsa Yezu We Bweranda nyene na Mariya wa Mubikira akura abandi. Ntabara nanje ntakamba: ku bw’izi mbitso nyagukundwa, Yezu na Mariya, dagusavye, unkize umwanda wose, ubwenge bwanje bwoye gushima ibiterasoni. Ngire rero umushaha wirinda, ngenze neza umubiri wanje, name nkorera mu bweranda Yezu na Mariya. Amen.

Turakwirukira mu magorwa yacu, wewe Yozefu mweranda, naho dutabaje Mariya wa munywanyi wawe mweranda, turakwishimiye na wewe, turagusaba. Mwarakundanye na wa Mubikira yasamwe ata gicumuro, we Nyina w’Imana, warakunze n’Umwana Yezu nk’aho womubereye Se, nico gituma tugutakambira: turabe neza twebwe Yezu-Kristu yahawe n amaraso yiwe, wibuke n’ubukuru bwawe, tuburane,duhagarikire mu magorwa yacu. Waratunze Yezu na Mariya, tunga n’umuryango Yezu-Kristu yakunze; dukize, Data w’umukondo, dukize umwanda wose, ububeshi bwose; n’aho uri mw’ijuru, duhangaze mu ntambara, wewe Muvunyi wacu utananirwa, turwanire dushobore gutsinda amashetani y’umwijima. Nk’uko  kera wakuye mu rupfu Umwana Yezu, tabara n’ubu Ekleziya nyeranda y’Imana,  /oye guhendwa n’umwansi, uyikize ababisha. Dawe, duheke ku mutima imisi yose, tube tukwigana, duhagarikiwe na wewe, dushobore kumara urugendo rwaeu neza, dupfe turi beranda, turonke ubuhirwe budazoshira mw’ijuru. Amen.

Yozefu mweranda areze Yezu

Ewe Yozefu, Muvyeyi uninahaye : wewe uzira kwifata runini ukuzura n’ubutungane, watunze umuryango mweranda i Nazareti n’umwuga ubayabaye, warahaye abakristu cane cane abanyamyuga akarorero k’ubweranda mu muruho w’ibikorwa no mu bwuzure bwa mwe na Mariya na Yezu.
Dushigikire mu buruhe bwacu bwa misi yose kugira butubere uburyo nyabwo bwo kuninahaza Umukama wacu, kwerekera ubweranda, kuba kirumana mu ngo no mu gihugu tubamwo.
Duserukire ku Mukama, se muvyeyi twizeye, adufashe natwe dukunde kwifata uko turi n’ukworohera abandi, kubanguka mu bikorwa no kubana neza n’abandi, kwakiriza yompi ibitugora Imana iturungikira itatwanse, kuba muri iyi si indemesha mu kwemera, mu rukundo no mu kwizigira.
Ese twoshobora kwigana Yezu yakorana ububangutsi n’ubwira mw’isaramara yawe, tugashobora kugira ubuzima bwiza kuri iyi si, butegura ubw’agahimbare gahoraho twlzeye kuronka mw’ijuru. Amen.

(Papa Piyo wa XII).

Yezu, Mariya, Yozefu : ndabahaye umushaha wanje, ubwenge bwanje n’amagara yanje. Yezu, Mariya, Yozefu, mumpagarikire wa musi nzoba ngomba gucikana. Yezu, Mariya, Yozefu, munkingire nze mpfane amahoro mu maboko yanyu.

INSIGURO Y’IBIMENYETSO

[1] No ku mazina akurikira abakristu baza baraguma bitabira gutyo nyene, bati : « dusabire. »

%d blogueurs aiment cette page :