IMANA NI NZIZA

Accueil » Vocabulaire » Anglais-Kirundi

Archives de Catégorie: Anglais-Kirundi

Vocabulaire anglais-kirundi

Afar, uvûye kure, kívūye kure, uvá kure, kíva kure
All, cose, vyose, …
And, na, hamwe na
Are, uri, muri. You are great: uri mukuru, muri bakuru.
Awe, awed, awed, gutangarira ikintu, gutangazwa n’ikintu.
Awesome, ikintu gitangaje rwose.
Bandy, adj., afise imibango. To have bandy legs: kugira (kurwara) imibango
Bank note, n., inǒti.
Baste [beıst], basted, basted, kuvōmera (igiterwa), kuvōmērera.
Bat [‘bæt] n., agahûngaréma.
Bathe, bathed, bathed, kwoza, kwiyoza.
Be, was, been, kuba.
Beam, ingegéne, imishwǎrara.
Belly [‘belı], n., inda.
Bitch [bıt∫], n., indǎrukazi.
Black [blæk], adj. cirabura, ikintu kiri mw’ibara ryirabura.
Bless [bles], v.t., blessed, blessed or blest, blest, guhezagira. Bless you! Kira! (iyo umuntu yasamuye); urakoze cane (gushimira umuntu).
Blood, amaráso.
Body, umubiri.
Bondage [‘bɒndɪdʒ], n., ubuja.
Bowel [‘baʊǝl], n., urura, insogi. Bowels, npl., ANAT, amara, insogi.
Bracken [‘brækn], n., igishurúshuru.
Brain [breın], n., ubwǒnko. Brains, npl., ubwênge.
Breast, agatǔntu, ibêre.
Bright, kibonerana, gisayângana; ikintu gisayangana.
Broom [bru:m] n., umukúbūzo.
Broomstick [‘bru:mstik], n., ikirindi c’umukubuzo.
Bug [bʌg], n., 1. Igihere. 2. fam.: umucafu.
Calm, ikintu gitēkânye.
Cent [sent], n. ijana, isěnti.
Centipede [‘sentıpi:d], n., inyōngōri.
Change [tʃeındȝ], n., uguhīnduka, ihīndagurika: there’s been a change of plan, urutonde rwo gukurikiza rwahindutse; amafaranga bavunja; v.t., guhīndura : to change one’s mind, guhindura iciyumviro, guhindura ivyiyumviro.
Child, umwâna ; children, abâna.
Christ, Kristu, Kristo.
Christen, v. tr., kubatiza umwana.
Christening, ibátīsímu
Clock [klɒk], n., isáha (yo kwambara canke bamanika ahantu).
Clog [klɒg], v.t., kuzibira, kwūgara (icupa), gufûndikira (ingunguru).
Close [klǝʊs], adj., close (to), hǎfi (ya); a close friend, umugēnzi pfampfé, somambīké; close by, close at hand, cā hâfi na hâfi; to keep a close watch on sb/sthg, gucūngira umūntu (canke ikintu) hǎfi na hâfi, gukúrikiranira hagúfi; to pay close attention, kugaba cāne, kubá mâso, kuba wârikanuye; to come closer (together), kwēgērana; close on, close to, prep., hǎfi ya.
Close [klǝʊz], v.t., kwūgara, guhéza; to close (a window), kwūgara (idirisha); close down, v.t. sep. & v.i., kwūgara; to close in (on), kwēgēra (umuntu); close off, kwūgara (ibarabara).
Closed [klǝʊzd], (ikintu) cūgáye.
Consider, considered, considered, gufatira ku kintu, kwihweza. When I consider what you did, iyó nihweje ivyo wagize; considering what you say, dufatiye kuvyo uvuga.
Crawl (crawled, crawled) v. i., gukambakamba, kwavura.
Dawn, ubucâgucâgu, ubúca bw’umunsi.
Display, displayed, displayed, kwerekana, gushira ahabona; ukwerekana, ugushira ahabona, igikino (nko ku kibuga).
Earthquake, nyamugigima.
Eat, (ate, eaten), v.t. kuryá, gufūngura.
Flow, flowed, flowed, gutêmba ; urujá n’úrǔza, umurǐndi.
Flowing, ibintu biriko biratemba, ibintu bitemba.
Foe, umwansi.
Fracture [‘fræktʃǝr], n., imvune; v.t. kuvuna.
God, Imana
Great, ikintu kinini, ikintu gikuru.
Guest, umutumire, uwugura, umukiriya (client).
Hand, ikiganza.
Have, had, haven, kugira. I have a pen, ndafise ikaramu; I had a book, nari mfise igitabu.
Hear, heard, heard, kwumva.
Holy, ikintu ceranda: The Holy Spirit, Mutima Mweranda.
Host: umushitsi, umutumire: a host of: umurwi wa.
How? gute?
I: 1. urudome rumwe mu ndome zigize ururimi rw’icongereza; 2. iyo urwo rudome ruherekeje irivuga, rusigura imararubanza (sujet): I am coming, ndiko ndaza, ndaje; I love you, ndagukunda; I am eating, ndiko ndafungura.
In: mu, muri.
Infant: umwana.
Lord: Umukama.
Make, made, made,  kugira, guhingura, gukora: Made in China, cahinguriwe mu Bushinwa; Made in USA, cahinguriwe muri Reta zunze ubumwe za Amerika; Made in France, cahinguriwe mu Bufaransa.
Malign, ikintu kibi, ikintu gifise ingaruka mbi ku magara, indwara ikaze, ikintu gifise ingaruka mbi ku migenzo.
Me, jewe
Meld [], v.t., kuvanga, kwongeramwo.
Mild,  ikintu kiremurutse, ikintu coroshe
Mother, nyina, mama, mawe.
My, canje, vyanje, wanje, banje, kanje, twanje, etc.
Navel [‘neıvl], n., umukǒndo.
Night, ijoro: Good night! ijoro ryiza!
O, urudome rumwe mu zigize ururimi rw’icongereza.
O: ese, ewe: O lord, my god! Ewe mukama, Mana yanje! Mukama, Mana yanje!
Of, ca, vya, ya, za, wa, ba, ka, twa, etc.
Play, played, played, 1. v.tr., gukina, 2. n.igikino.
Power, ubushobozi, inguvu, ubutegetsi: To come to power, kuja ku butegetsi, To take power, gufata ubutegetsi; To be in power, kuba ku butegetsi.
Quake, v.i. ,kujugumira, kudegedwa; n. ukujugumira, ukudegedwa, nyamugigima.
Radiant, adj,  ikintu gisayangana.
Round, iruhande ya, hambavu ya.
Sanctify, sanctified, sanctified, v.t. , gutagatifuza, kugira mweranda.
Saving, n., ikintu gikiza, ugukiza.
Saviour, n., umukiza (muri amerika bandika: savior).
See, n., intebe y’Umwepiskopi; The Holy See,  intebe ya Petero Mweranda.
See, saw, seen, v.tr., kubona.
Shelter, sheltered, sheltered, v.tr.,  gukingira.
Shepherd, n., umwungere.
Side, n., urubavu, uruhande.
Sight, n., ukubona
Silent: kitavuga
Sing, sang, sung, v.intr.,  kuririmba.
Smoke, smoked, smoked, 1. v.t. & v.i.kunywá itǎbi 2. n. umwôtsi.
Sneeze [sni:z], n. ukwasamura; v.i kwasamura.
Son, n., umwana, Mwana.
Soul, n., umutima, umushaha.
Star, n., inyenyeri
Stream, n., ibintu biriko biratemba, amazi ariko aratemba.
Sword, n., inkôta.
Tender, adj., umuntu ashikirana, umuntu afisé igishika.
That, uwo, ico, urya, kirya, uriya, kiriya, ko.
Then, niho…, hanyuma…, rero…, nca…, uca…, aca…, duca…, muca…, baca…, gica…, bica… Then sing my soul, umutima wanje uca uririmba, nca ndirimba.

Think, thougt, thought, v. i., kwiyumvira, kwibaza.
Throughout, mu gihe…, igihe cose, aho ariho hose: Throughout the meeting, mu mwanya w’ikoraniro, mu gihe inama iriko (yariko) iraba
Thunder, n., umuturagaro.
Twins, n., amahasa.
Universe, n., ijuru n’isi
Virgin, n., insugi, umubikira.
Wash, washed, washed, v. tr., kwoza, gutyorora.
Water, n., amazi.
When, iyó… When I am hungry I have stomachache, Iyó nshonje ndaribwa
With, na, kumwe na, ukoresheje (baca bashirako izina ry’igikoresho).
Wonder, wondered, wondered, v.tr.,  kwibaza, kugira ibibazo.
Work, worked, worked, 1. v. tr.,  gukóra 2. n. , akazi, igikórwa.
World, n., isi
Wound, n., igikomere, uruguma.
You, wewe, mwebwe
Your, cawe, vyawe, wawe, bawe, kawe, twawe, etc.

%d blogueurs aiment cette page :