IMANA NI NZIZA

Accueil » Vocabulaire » Italien-Kirundi

Archives de Catégorie: Italien-Kirundi

Vocabolario italiano-kirundi

Questo articolo è incompleto. Verrà aggiornato.

A, prima lettera dell’alfabeto; prep., kuri, i. A tutti voi, kuri mwebwe mwese; Vado a Bujumbura, Ngiye i Bujumbura.
Àcqua, n.f., amâzi.
Altro, adj. et pron. indéf. (féminin: altra): uwundi, ikindi.
Amen, inter., amen.
Amore, s. m., urukundo.
Anche, conj.: na.
Angelo, s.m., umumarayika.
Annunciare, v.t.: kubwira, kumenyesha, kubárira.
Apòstolo, n.m., umutúmwa oppure  umutumwá.
Appellare, 1. v.tr. guhamagara, gutumira, gusomborotsa, kwagiriza. 2. v.intr. e pron. kwitwara, kwitwarira umuntu.
Arrivare, v.i.: gushika.
Augùrio, n.m., icîpfūzo.
Avere, v.t.: kugira (gutunga). Avere una capra: Kugira impene; Avere un computer: Kugira imashini mudasobwa; Avere i soldi: Kugira amafaranga. 2. v.aux.: Igikorwa caheze, ikintu gikoze, ikintu cabaye, n’ibindi… Aver mangiato: kuba wariye; Avere pregato: kuba wasenze; Hai detto: wavuze; Ho chiamato: nahamagaye. 3. n.m.: itunga.
Ballare, v. intr., gutamba.
Bambino, s. m., umwana.
Battésimo, n.m.: ibatisimu.
Battezzare, v.tr.: kubatiza.
Betlemme, n.pr. Betelehemu.
Brìciola, n.f., akavunguka, akavunji.
Bùccia, n.f., igishishwa c’icamwa, igishishwa c’igiti canke urukoba rw’ibikoko bimwebimwe.
Buonanòtte! Ijoro ryiza !
Buonaséra! Mwiriwe !
Buondi! interj. Bwakeye ! Mwaramutse !
Buongiorno! interj. Bwakeye ! Mwaramutse !
Càlice, n.m., ikalisi, igikombe.
Cappùccio, n.m., inkōfēro (yo kw’ikoti canke ku mupira).
Cariòla, n.f., inkorofani.
Carne, s.f., inyama. Mangiare la carne, Kurya inyama; Cucinare la carne, Guteka inyama.
Centèsimo, n.m., isěnti.
Cento, ijana. Cento libri : Ibitabu ijana.
Che, 1. pron.rel., Il libro che è sulla tavola di Paolo, Igitabu kiri ku meza ya Pawulo; L’uomo che è arrivato, Umuntu yashitse; Il telefono che ho comprato, Iterefone naguze. 2. Ko. So che Dio è buonoNdazi ko Imana ari nziza; Vedo che tu hai finito, Ndabona ko wahajeje.
Chi, pron. rel. m. e f., Inde? Nde?
Chiamare, v.tr.: guhamagara, kwakura.
Chiamata, s. f., umuhamagaro.
Chiàve, n.f., urufūnguruzo.
Chiesa, n.f., Ekleziya, Ekeleziya, Isengero.
Ciabàtta, n.f., Ubwôko bw’umukate ; ikambambíri ; fig. Ikintu ata co kikimaze (cashaje).
Ciabattìno, n.m., Uwubárīra ibirāto ; fig. umuntu akora nabi umwuga wiwe (kuko ata vyo azi) ; ikigǒnde.
Ciao! Interj., amahoro ! yambu !
Cìmice, n.f., igihere.
Come, avv., nka, nk’uko.
Comportarsi, v. pron., kwigenza. Comportarsi bene, Kwigenza neza. Comportarsi male, Kwigenza nabi.
Con, prep.: hamwe na…, ukoresheje… Il Signore è con te. Umukama muri kumwe. Coltivare con la zappa. Kurima ukoresheje isuka; kurimisha isuka.
Conoscenza, n.f.: ubumenyi.
Conoscere, v. tr., kumenya.
Conservare, v. tr., kubîka, kuzigama.
Corinto, Korenti.
Corinzi, pl.: Abanyakorenti.
Corpo, s. m., umubiri. Il Corpo di Cristo, Umubiri wa Kristu.
Cosa, s.f., ikintu.
Così, avv., -tya, -tyo. Ha fatto così, Yagize atya. Lui la vede così, Uko ni ko abibona. Farò così, Nzogira ntyo.
Cotonfiocc, n., twa tuntu turiko agapampa bakoresha mu kwikurugutura.
Credere, v.t.: kwemera, kwiyumvira, kwibaza. Credo in Dio: Ndemera Imana; Credo che tu sia molto intelligente: Nibaza ko uzi ubwenge bwinshi.
Credo, n.m.: Ndemeye (igisabisho ca “Ndemeye”).
Cristiano, agg. e s. m., umukristu, umukirisu. La vita cristiana, Ubuzima rukristu, Ubuzima rukirisu.
Cróce, n.f., umusaraba.
Cuore, s. m., umutima, umushaha. Il Sacro Cuore di GesùUmushaha mweranda wa Yezu.
Da, prep., uvûye, uva… Il pane vivo disceso dal cielo, Umukate w’ubuzima wamanutse uva mw’ijuru. 2. Kwa. Da me, iwanje; Da te, iwawe; Da lui, iwé; Da noi, iwacu; Da voi, iwanyu; Da loro, iwabo.
Degno (di), agg., gikwiranye (na), kijanye (na), gihuye (na), gikwiriye.
Desidèrio, n.m., icîpfūzo.
Di, prép.: ca, ya, wa, ba, vya, ecc. Il mistero di Dio. Ikinyegezwa c’Imana.
Dio, n.m.: Imâna.
Dunque, cong., rero.
E, na. E tu: nawe; E voi: namwe.
Edificare, v. tr., kwubaka.
Èfrata, n.pr., Efurata
Elimèlec, n.pr. Elimeleki.
Eruttàre, v.t & i., gutúra umube, gutúra amângati, kudáhwa, gucîra.
Eruttazione, n.f., ugutúra umube (canke amângati), ukudáhwa.
Esortare, v. tr., kubwiriza, gusaba.
Fàlce, n.f., urukero, akanajoro.
Falciàre, v.t., kwahira.
Favo, n.m., ikimamara.
Fede, s. f., ukwemera.
Fiùme, n.m., urûzi.
Flauto, s. m., umwironge.
Fra, prép.: muri. Uno fra voi può andare : Umwe muri mwebwe arashobora kugenda.
Fratèllo, n.m., mwenewacu, mwenewanyu, mwenewabo. Il mio fratello, il nostro fratello, mwenewacu; il tuo fratello, il vostro fratello, mwenewanyu; il suo fratello, il loro fratello, mwenewabo.
Funivìa, n.f., (in Burundi non c’è), ni ikintu gihakwa kumera nk’akazu bajamwo kigaheza kikabadugana kw’isonga ry’umusozi ata muntu yoshobora kuguga n’amaguru, bakenera kumanuka kikabamanukana ; kigenda cenena ku ntsinga, kikaduganwa n’umuyagankuba.
Generazione, s. f., urwaruka, ukuvyara.
Gente, s. f., abantu (ubafatiye hamwe).
Giovanni, n.pr.: Yohani.
Giuda, n.pr. Ubuyuda.
Giudicare, v.tr., guca urubanza, gucira urubanza… Gesù non è venuto a giudicare il mondo, Yezu ntiyaje gucira urubanza isi.
Giudizio, s.m., urubanza.
Gridare, v. intr., kuvuza induru, kuvuza urwamo, gusemerera.
Idolo, s. m., ikigirwamana.
Illudere, v.t.: guhenda, kubesha: kwerekana ibintu ku buryo umuntu agira ngo ni vyo na ho atari vyo, akaza kubona mu nyuma ko bitari vyo.
Imparare, v. tr., kwiga, kwigishwa, kumenya.
Inciampàre, v.i., gutsitara.
Infatti, cong.: Mu vy’ukuri, erega…
Insegnare, v.tr.: kwigisha.
Invece, avv., ariko, yamara.
Io, pron. pers. m. et f.: jewe.
Làgo, n.m., ikiyága.
Lettera, n.f.: urudome, ikete, ibaruwa.
Lìbro, n.m., igitabu. Il libro della Genesi: Igitabu c’Amamuko.
Lite, s.f.: amatati.
Luca, n.pr.: Luka.
Lucchetto, n.m., igufure.
Ma, cong.: ariko, yamara.
Mandare, v.tr.: kurungika.
Màno (pl. Màni), n.f., ikigānza. A mano, ico batwara mu ntoke (mu minwe). Mano a mano, buhoro buhoro : Mano a mano ci riuscirò, buhoro buhoro nzobishobora.
Marco, n.pr.: Mariko.
Matteo, n.pr.: Matayo.
Mentre, cong., mu gihe, ariko, yamara. La conoscenza riempie di orgoglio, mentre l’amore edifica, Ubwenge butuma kwishima, ariko urukundo ni rwo rwubaka.
Millepièdi, n.m., inyōngōri.
Mistero, n.m.: ikinyegezwa.
Moab, n.pr. Mowabu.
Mondo, s.m., isi.
Moscerìno, n.m., izina bita udukoko dutoduto tuguruka, nk’agatuku, agasāzi, akanyarirajisho, n’utundi.
Motivo, s. m., impamvu, imvo, igituma. Prigioniero a motivo del Signore, Imbohe kubera Umukama.
Nébbia, n.f., igipfungu.
Nessuno, adj. et pron. indéf.: nta n’umwe, ntihagire n’umwe. Nessuno si illuda: Ntihagire uwihenda.
Noemi, n.pr. Nahomi.
Non, avv.: atari …
O, canke.
Ombelìco, n.m., umukondo.
Operare, v. tr., gukora.
Oppure, canke.
Orgoglio, s. m., ubwishime, amanyama.
Orpa, n.pr. Horupa.
Osare, v.tr. e intr., kwubahuka.
Ostensòrio, n.m., ikibónesherezo.
Otre, s.m., umubindi.
Pace, s. f., amahoro.
Pància, n.f., inda. Avere male di pancia: kuribwa mu nda, kubabara mu nda.
Paragonare, v. tr., kugereranya.
Parlare, v. intr., kuvuga. Hai parlato in classe,Wavuze uri mw’ishure. Non si deve parlare in chiesa, Kirazira kugugira mw’isengero.
Péntola, n.f., isafuriya, ikintu batekamwo.
Piazza, s. f., ikibanza, imbuga, ikibuga.
Piccolo, agg., gito, gitoyi.
Piòggia, n.f., imvura.
Pizzicàre, v.t., kubába.
Polènta, n.f., ubwoko bw’imfungurwa : mu kubutegura bakoresha ifu bashira mu mazi hanyuma bakamera nk’abacumba; buhakwa gusa n’ubugari.
Pòrta, n.f., urūgi.
Potere, v.t.: gushobora. 2. n.m.: ubushobozi.
Pozzànghera, n.f., ikiziba.
Predicare, v.t.: kwigisha, kumenyesha. Predicare il vangelo, kumenyesha Inkuru nziza.
Presentare, v.t.: kwereka, kwerekana, kumenyesha.
Prigioniero, agg. e s. m., imbohe, umupfungwa, umunyororo.
Primo, adj.: ica mbere, uwa mbere. La prima lettera di san Paolo ai Corinzi: Ikete rya mbere umutumwa Pawulo yandikiye abanyakorenti.
Quando, adv.: ryari? Conj.: aho. Quando sei nato? Wavutse ryari? Quando sei arrivato? Washitse ryari? Quando sono arrivato, non c’eri. Aho nashika si ho wari uri.
Ricevere, v. tr., kwakira, kuronka.
Riempire, v. tr., kwuzuza.
Riguardo a…, ku vyerekeye…, ku bijenye na…
Rinfrancàre, v.t., kuremesha, gukomeza.
Rut, n.pr. Ruti.
Rùtto, n.m., umube.
Sacrificare, v. tr.,  guhereza inkuka, gutanga inkuka, gutangako inkuka.
Sacrificio, s.m., inkuka.
Salve! Mwaramutse ! Amahoro ! Yambu !
Santificare, v.tr.: gutagatifuza.
Santo (talvolta « san »), s.m., umweranda . San Giovanni Battista, Yohani Batista mweranda; San Paolo, Pawulo mweranda; Santa Teresa di Gesù Bambino, Tereza w’Umwana Yezu mweranda; San Giuseppe, Yozefu mweranda.
Sapere, v.t. et i.: kumenya; n.m.: ubumenyi.
Sapiente, agg.: cuzuye ubwenge. Il discorso sapiente, amajambo yuzuye ubwenge.
Sapienza, n.f.: ubwitonzi, ubumenyi, ubuhinga.
Sbriciolàre, v.t., kuvungura, kuvungagura.
Sbriciolàrsi, v. pron. t. et i., kuvunguka.
Sbrigare, v.t., gukora ikintu unyarutsa, kurungika (unyarutsa) umuntu canke ikintu.
Sbrigarsi, v.i., kugira ningoga, kugira ikintu unyarutsa, gukora ikintu unyarutsa, kwihuta; sbrigati ! nyarutsa ! Gira ningoga ! (ivyo ntushobora kubibwira umuntu mutamenyeranye).
Scavatóre, n.m., 1. Umukozi yimba. 2. Imashini (tingatinga) ishobora kwimba.
Schiavitù, n.f., ubuja.
Scodinzolàre, v.i., kuzungagiza umurizo (imbwa).
Scópa, n.f., umukúbūzo.
Scottàre, v.t. & i., gutúrira (izûba), kubába (izûba).
Sedere, v. intr., Kwicara. Tu che siedi alla destra del Padre, Wewe wicaye iburyo bwa Data.
Seggiovìa, n.f., raba “Funivìa”. Ko ni gatoyi, begenda bicaye.
Signore, s. m., umugabo, umusore, Umukama. Il Signore sia con voi, Horane n’Umukama oppure Horane Umukama.
Sino, prep., gushika… Sino ora, Gushika ubu.
Sopra, avv., hejuru. Sopra di tutti, Hejuru ya vyose.
Sòstene, n.pr., Sostene.
Sparmare, v.t., gusīga. Sparmàre il pane, gusiga  umukate, kuwushirako ivoka canke margarine canke ubuki.
Speranza, s. f., umwizero, ukwizera.
Sprèmere, v.t., gukânya. Spremere un’arancia, gukanya umucungwe.
Stèlla, n.f., inyényěri. Stèlla alpìna : ubwoko bw’ishurwe rimeze nk’inyenyeri riba ku misozi miremire y’i Buraya bita “le alpe”.
Stoppino, n.m., urutâmbi.
Stràccio, n.m., igitambara co guhanagura ameza, amasahani, ibikombe ; igishambara c’impuzu ; igikoropesho.
Suonare, v. tr., kuvuza ikintu, kuvuga (ikengeri).
Susìna, n.f., ni ubwoko bw’icamwa, ntiturakibona mu Burundi.
Tàppo, n.m., umurúmyo, umufúniko, ifúniko.
Terra, s.f., isi.
Terremòto, n.m., nyamugigima.
Tra, prep.: muri. Tra voi, muri mwebwe.
Tutto, agg. indef., cose, wese.
Umiltà, s. f., ukwicisha bugufi.
Unità, s. f., ubumwe.
Uno, agg. num. card. e s.m., kimwe, umwe.
Uomo, s.m., umuntu (essere umano), umugabo (in quanto maschile).
Vangelo, n.m.: Inkuru nziza. Il Vangelo secondo Matteo, Inkuru nziza yashikirijwe na Matayo; Il Vangelo secondo Marco, Inkuru nziza yashikirijwe na Mariko; Il Vangelo secondo Luca, Inkuru nziza yashikirijwe na Luka; Il Vangelo secondo Giovanni, Inkuru nziza yashikirijwe na Yohani.
Venire, v.i.: kuza.
Verità, n.f.: ukuri.
Villaggio, s.m., ikigwati.
Vita, s. f., ubuzima.
Vocazione, s. f., umuhamagaro, ihamagarwa.
Voi, pron. pers. m et f.: mwebwe.
Volontà, n.f., ishāka, ugushaka. Sia fatta la tua volontà, Ishaka ryawe niriranguke.
Zanzàra, n.f., umubu.
Zanzarièra, n.f., umusegetera, akayungiro ko kw’idirisha.

%d blogueurs aiment cette page :