IMANA NI NZIZA

NOTE AUX VISITEURS.

Vous qui visiterez ce blog, vous y trouverez beaucoup de choses qui vous aident à améliorer vos connaissances en matière de vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous en ayez beaucoup d’autres à partager avec nous . Au cas où vous constateriez une erreur (ce qui n’est ni envisagé ni souhaité) vous êtes priés de nous le signaler. Au cas où vous n’en trouveriez aucune, votre contribution reste toujours la bienvenue.

Appelez au numéro qui vous est donné ou écrivez à l’adresse qui vous est indiquée ci-après pour plus d’informations

Tél : +393498851263 ou +25776978970
e-mail : yohani.karabudiyo@gmail.com

VIsiteurs

  • 58 054 visites

Idominika y’7 yo mu mwaka C

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere ca Samuweli (26, 2.7-9.12-13.22-23)

Dawudi yanka kwihora

Muri irya misi, Sawuli yarahagurutse afata urugendo amanuka mu gahinga ka Zifu, ajana n’abantu ibihumbi bitatu, intwari z’Israyeli, ngo baje gufata Dawudi mu gahinga ka Zifu. Dawudi na Abishayi na bo bagenda mw’ijoro aho ba bandi bacumbitse, basanga Sawuli araryamye yasinziriye mu rusago, icumu ryiwe rishinze ku musego, Abuneri n’ingabo ziwe zose basinziriye iruhande yiwe.
Abishayi araheza abwira Dawudi ati: «Uyu musi, Umukama yakugabiye umwansi wawe. Ndeka ndamusogoteshe icumu ryiwe rimwe rudende, ndamumatanishe n’isi.» Dawudi ni ko kumwishura ati: «Ntumwice. Ni nde yoshobora kwica umuntu yahezagiwe n’Umukama ngo aheze arokoke?» Dawudi afata rya cumu ryari rishinze ku musego be n’umukuza w’amazi: baca barigira. Nta n’umwe yababonye, nta n’uwabaciye n’ikanda, nta n’uwikanguye, bose bari basinziriye, kuko bari bahwikiwe n’itiro Umukama yabasutsemwo.
Dawudi arajabuka, ahagarara kw’itaba ry’umusozi, hari akarere katari gato hagati yabo. Dawudi arasemerera ati: «Icumu ry’umwami riri hano. Nihagire uwujabuka, aze aritore. Umukama azohera umuntu wese ku butungane bwiwe no ku bweranda bwiwe: uyu musi, Umukama yari yagutaye mu maboko yanje, ariko nanse kukwica, kuko wahezagiwe n’Umukama.»

IZABURI 102 (103) 1-2, 3-4, 8-10, 12-13

Icit.: Umukama ni we Nyenimbabazi n’ikigongwe.

Himbaza se mushaha wanje Umukama,
maze n’amagara yanje yose aninahaze izina ryiwe ryeranda;
himbaza se mushaha wanje Umukama,
maze ntihagire ico wibagira mu vyiza vyiwe.

Ni we akurekurira ibicumuro vyawe vyose,
ni we agukiza indwara zose,
ni we akugarurira ku cobo,
ni we atuma uhagatirwa n’urukundo n’igishika.

Umukama ni we Nyenimbabazi n’ikigongwe,
ntakaza ishavu, akaza urukundo;
uko ducumura, si ko aduhana,
uko tumutuka, si ko adusubiza.

Nk’uko ubuseruko buri kure y’uburengero,
ni ko adushira kure y’akabi kacu;
nk’uko umuvyeyi akunda abana biwe,
ni ko Umukama akunda abamwubaha.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (15, 45-49)

Kristu, Adamu mushasha

Ncuti zanje,
Adamu wa mbere yari umuntu yagabanye ubuzima, Adamu wa nyuma na we, ari we Kristu, ni we wâ mutima utanga ubuzima. Mugabo, ntihatanguye kuboneka uw’umutima, hatanguye uwugenzwa n’umubiri, hanyuma haza uw’umutima. Kubera ko yabumbwe mw’ivu, umuntu wa mbere yavuye kw’isi; umuntu wa kabiri we yavuye mw’ijuru. Uko uwavuye mw’ivu ameze, ni ko kandi abavuye mw’ivu bazoba; uko uwavuye mw’ijuru ameze, ni ko kandi abavuye mw’ijuru bazoba. None rero, nk’uko twashushanijwe n’uwavuye mw’ivu, ni ko tuzoshushanywa n’uwavuye mw’ijuru.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Umukama yavuze ati: «Ndabahaye itegeko rishasha:
Nk’uko ndabakunze, nimukundane namwe.»

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (6, 27-38)

Nimube abanyakigongwe, nk’uko So wanyu ari umunyakigongwe

Umushaha wa Yezu

Umusi umwe, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Mwebwe munyumviriza ndababwiye: Nimukunde abansi banyu, mugirire neza ababanka, muhezagire ababavuma, musabire abababeshera. Hagize uwugukubita kw’itama rimwe, tega kandi irindi; n’uwuzogutwara umutamana, ntumubuze kugutwara ikanzu. Uwugusavye n’umuhe, kandi uwuzogutwara utwawe ntutuburane. Ico mushaka ko abandi babagirira, kibagirire namwe.
Nimwakunda ababakunda gusa, vyobamarira iki? N’abanyakabi nyene barakunda ababakunda. Nimwagirira neza ababagirira neza, vyobamarira iki? N’abanyakabi ni ko bagira. Nimwagurana abo mwishimiye ko bazobasubiza, vyobamarira iki? N’abanyakabi baragurana abanyakabi ngo baronke ibingana na bino. Mweho, nimukunde abansi banyu, mugire ineza, mugurane ata co mwishimiye; impera yanyu izoba nini, kandi mube abana b’Uwo mw’ijuru, kuko agirira neza intashima n’ababi. Nimube abanyakigongwe, nk’uko So wanyu ari umunyakigongwe. Ntimucire abandi rubi, niho mutazorucirwa; nimurekurire abandi, niho muzorekurirwa. Nimutange, ni ho bazobaha; bazobasubiza ingero nyayo, yuzuye, itsindagiye kandi isesekaye; ingero mugererako abandi ni yo namwe muzogererwako.»

Idominika ya 6 yo mu mwaka C

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (17, 5-8)

Arahiriwe umuntu yishimira Umukama

Ng’iri iriyazwe n’Umukama:
Aragowe umuntu yushimira uwundi muntu, akizigira ikiremwa, nayo umutima wiwe wiyonkora ku Mukama. Asa n’amashurwe yo mu gisaka, ubuhirwe buraza ntabimenye; aja kugerera mu gahinga, mu gahinga ka nyaganande. Arahiriwe umuntu yishimira Umukama, akizigira Umukama. Asa n’igiti catewe ku nkombe y’uruzi, kigashorera imizi mu ruzi. Ku ruzuba nta co cinona, kiguma gitotahaye: n’aho imvura yotara, ntikibura kwama.

IZABURI 1, 1-2, 3, 4.6

Icit.: Hahiriwe umuntu yishimira Umukama.

Hahiriwe umuntu ataja ku mohe y’abahemu,
adahagarara mu nzira y’ibimangare,
ntiyicare mu gihari c’abacokoranyi,
ariko agahimbarwa n’amabwirizwa y’Umukama,
akama ayazirikana uko bukeye uko bwije.

Asa n’igiti catewe mu kinyotera,
hageze cama ivyamwa bihimbaye,
amashami yaco ntiyigera ahundagara;
ivyo akora vyose vyama biroranye.

Abahemu bo si uko, haba namba:
eka bameze nk’umuguruka utumukanwa n’umuyaga;
kuko inzira y’aberanda izwi n’Umukama,
nayo inzira y’abononyi yo ijana mu gaheza.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (15, 12.16-20)

Niyaba Kristu atazutse, ukwemera kwanyu nta co kumaze

Ncuti zanje,
Ko bama bigisha ko Kristu yazutse mu bapfuye, none ni kuki hari bamwe muri mwebwe bavuga y’uko ata zuka ry’abapfuye ririho? None abapfuye nibaba batazuka, na Kristu nyene ntiyazutse. Na ho niyaba Kristu atazutse, ukwemera kwanyu nta co kumaze, muracari mu bicumuro vyanyu; kandi abapfuye bemera Kristu bagiye akagirire. Muri ubu buzima bwonyene nitwaba ari ho twizigiye Kristu, mu bantu bagowe turi aba mbere. Kira noneho! Kristu yarazutse mu bapfuye, aba ari we abatangurira.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Umukama yavuze ati: «Nimunezerwe, muhimbarwe,
kuko impera yanyu izoba nini mw’ijuru.»

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (6, 17.20-26)

Umuhezagiro w’ubwuzure bushasha

Yezu amaze kumanukana n’abatumwa biwe Icumi na babiri, ahagarara kw’itaba ry’umusozi. Hari ishengero ry’abigishwa biwe n’abantu benshi bava mu Buyuda bwose, i Yeruzalemu, n’abo mu micungararo ya Tiri na Sidoni.
Buno yerekeza amaso ku bigishwa biwe, avuga ati:

Umushaha wa Yezu

«Murahiriwe mwebwe boro,
kuko Ubwami bw’Imana ari ubwanyu.
Murahiriwe mwebwe mushonje ubu,
kuko muzohaga.
Murahiriwe mwebwe murira ubu,
kuko muzoronka akanyamuneza.
Muzoba muhiriwe, umusi abantu bazobanka bakabaca, bakabambika ibara kandi bagasenda izina ryanyu nk’akabi kubera Umwana w’umuntu. Nimunezerwe, muhimbarwe urya musi, kuko impera yanyu izoba nini mw’ijuru; uko ni ko ba sokuru bagiriye abahanuzi.
Yamara mweho rero muragowe, mwebwe batunzi,
kuko mufise ikibanezereza.
Muragowe mwebwe muhimvye ubu,
kuko muzosonza.
Muragowe mwebwe mutwenga ubu,
kuko muzoganya.
Muragowe umusi bose bazobavuga neza,
uko ni ko ba sokuru babigiriye abahanuzi b’ibinyoma.»

Calendrier (Clic sur date en bleu)

mai 2019
L M M J V S D
« Mar    
 12345
6789101112
13141516171819
20212223242526
2728293031  
%d blogueurs aiment cette page :